IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwongereza : Umurundi yatowe kuba umuhanuzi w’akarere i Manchester

Ubwongereza : Umurundi yatowe kuba umuhanuzi w’akarere i Manchester

vendredi 15 décembre 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, Wilson NKURUNZIZA yatowe ngo asubirire Paul Longshaw yahora ari umujenama yitavye Imana mu ntango z’ukwezi kw’icenda uyu mwaka wa 2017.

Wilson NKURUNZIZA yabwiye BBC ko afatiye ku buzima impunzi zibayemwo, akaba ari naco gisata yari asanzwe akoreramwo,azobandanya akora kugira impunzi zisununure mu buzima bwa minsi yose.

Wilson NKURUNZIZA yari asanzwe akora mw’ishirahamwe ritegamiye Reta rikorana na kaminuza y’i Salford, rifasha kwigisha abarondera uburuhungiro,abamaze kuba impunzi hamwe n’abimukira.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.