Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubwongereza : Umurundi yatowe kuba umuhanuzi w’akarere i Manchester
Ubwongereza : Umurundi yatowe kuba umuhanuzi w’akarere i Manchester
vendredi 15 décembre 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, Wilson NKURUNZIZA yatowe ngo asubirire Paul Longshaw yahora ari umujenama yitavye Imana mu ntango z’ukwezi kw’icenda uyu mwaka wa 2017.
Wilson NKURUNZIZA yabwiye BBC ko afatiye ku buzima impunzi zibayemwo, akaba ari naco gisata yari asanzwe akoreramwo,azobandanya akora kugira impunzi zisununure mu buzima bwa minsi yose.
Wilson NKURUNZIZA yari asanzwe akora mw’ishirahamwe ritegamiye Reta rikorana na kaminuza y’i Salford, rifasha kwigisha abarondera uburuhungiro,abamaze kuba impunzi hamwe n’abimukira.
MUGISHA Van Naris
Messages
16 décembre 2017, 06:31, par Busurahende
Wilson Nkurunziza ndamukeje caaane kuko akora ibikora inka.
17 décembre 2017, 14:15, par Njangwa mudini
Ahonisawa.murundi shingimizi iburayi