IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambi wo guhimiriza abantu kwikingira impanuka ziturutse ku nkuba (...)

Umugambi wo guhimiriza abantu kwikingira impanuka ziturutse ku nkuba waratangujwe

vendredi 10 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa n’uwutwara igiporisi kijejwe gukinga impanuka, NTEMAKO Antoine,, amasanganya aturutse ku nkuba arakingwa.

"Turiko turakorana n’abajejwe intwaro ku rwego rwo hejuru kugira ngo bahimirize abantu kwikingira inkuba, nk’ahantu hahurira abantu benshi, nko ku mashuri, ku mavuriro, n’ahandi. Abantu barakwiye kwijukira kugura ivyuma bikinga inkuba ’’paratonnerre’’ bikinga amasanganya y’inkuba ".

JPEG - 25.9 ko
NTEMAKO Antoine, umukuru w’igiporisi kijejwe gukinga impanuka

Arongera akamenyesha ko bagiye gukorana n’abahinga bafise ubumenyi bukwiriye kugira ngo bafashe mu kwigisha uburyo ayo masanganya aturuka ku nkuba yokwirindwa.

Twokwibutsa ko mu kiringo c’iminsi mike, inkuba imaze gukubita abantu mu ntara za Mwaro, Muramvya, Ngozi, na Rumonge.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.