IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD-FDD usaba amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

Umugambwe CNDD-FDD usaba amatohoza ku bwicanyi bw’i Buganda

dimanche 13 mai 2018

Mw’itangazo umugambwe CNDD-FDD wasohoye inyuma y’amasaha makeya ubwo bwicanyi bubaye, uwo mugambwe umenyesha ko wakiranye umubabaro igitero c’iterabwoba cabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoki.

Umugambwe CNDD-FDD, usaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose mu gukora amatohoza, kugira bahashe kandi bakure mu gihugu abatera ubwoba abanyagihugu basanzwe bari mu mahoro.

Muri iryo tangazo, umugambwe CNDD-FDD usaba abrundi kubungabunga amahoro n’umubano mwiza, babicishije mu mirwi y’umutekano ihurikiwemwo na bose.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ko basaba amakungu ngo yiyamirize ivyaraye bibaye bibabaje abo mwirigwa mwica ko mudahora mwera ico amakungu abahanura ubu ico yovuga mwocemera ?ntakindi Atari ibiganiro Abo Bose ntakindi bazira akagazo Kanyu ubu mugiye kwicisha abantu mpaka 2034 ubwo Burundi buzotogwa nabagenya uburo !!!!!

  • Nukuri birateye agahinda dusaba inzego zumutekano gukurikiranira hafi icokibazo murakoze

  • Nukuri Nukuri Abakoze Ubwo Bwicanyi Kuri Izo Nzirakarenga Bagahekura Uburundi N’Abarundi Bakoze Icaha C’agahomerabunwa "crime Contre L’humanité" Kandi Bamenye Ko Imana Yo Nyene Kubaha Ubuzima Izobibabaza

  • NONE ABOBANTU BARATINYA IMANA.KANDI BAMENYE KO ABOBANTU BICA BAREMWE NKABO.N’IBITEGE UKUBOKO KUWITEKA.BARYANGO MWABUZE BANANYA MWIHANGANA IMANA NIYOMUHOZA.SAWA UWITEKA ANDAYE KUTUYOBORA MUKUBO KWAYO.

  • Ubu murahagurutse musaba amakungu ico yokora. Imyaka itatu iraheze abantu bapfa, banyuruzwa, bicwa bagasukwa mu nzuzi no mu biyaga. No kuri iyi ndwi za Ntega na hehe ibara ryaraguye. Ko mutarugoboroye ?

  • ababikoze mubabonye mwabakoraho iki ? nibwo bwambere ? amahoro abe kubanyarwanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.