IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi Wifi Entertainment witeguriye gufasha abagendna ubumuga mu kigo (...)

Umugwi Wifi Entertainment witeguriye gufasha abagendna ubumuga mu kigo Akamuri

samedi 25 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ntumero yo kwitegurira ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe abagenda ubumuga, uzoba kw’igenekerezo rya 3 Kigarama, umugwi Wifi Entertainment wakoze igiteramo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2017.

Ico giteramo kikaba cari kigizwe n’indirimbo z’abcuraranzi, atamvyi b’intambo ya Kizomba, inkuru zitwenza, ihayanisha-gurisha ry’ibikoresho ndangakaranga, impuzu, hamwe n’amashusho. Uburyo bwavuye muri ico giteramo bukazoca bukoreshwa mu gufasha abana bagendana ubumuga bo mu kigo Akamuri, nk’uko bivugwa n’abateguye ico giteramo bo mu murwi Wifi Entertainment.

Indirimbo z’abarundi bahoze babica bigacika mu myaka ya kera nka Canco Hamissi, Nikiza David n’abandi, nizo zariko ziracurarangwa muri ico giteramo.

Parfait Irakoze asanzwe arongoye umugwi Wifi Entertainment amenyesha ko intumero y’ico giteramo ari iyo kurondera uburyo bwo kuba hafi abana bo mu kigo Akamuri bagendana ubumuga.

«Twifuje kugira igiteramo kizodutuma tugira ico dufashije abana bo mu kigo Akamuri mu ntumbero yo kubahimbarira umusi mukuru wahariwe abagendana ubumuga usanzwe uhimbazwa itariki 3 Kigarama ukwo umwaka utashe ».

Nk’ukwo mu mugwi Wifi Entertainment basanzwe bakora imigambi yo kwiteza imbere, Parfait Irakoze arahimiriza urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu bakijukira kwiyungunganya, bagakora ivyabo, ntibagume bateze amaso ikirere.

Miss Annie Bernice yatowe nk’umwigeme asumvya abandi mu bwiza n’ubwenge mu mwaka wa 2017 akaba yari umutumire w’iteka, yashikirije ko igikorwa umurwi Wifi Entertainment watunganije ari ciza, kuko ari igitegura gufasha.

« Mu gihe abagendana ubumuga badakunzwe kwitabwaho ku rugero rukwiye, ni igikorwa co gukeza kubona umugwi Wifi Entertainment ugizwe n’abakiri bato, wiyumvira kuba hafi y’abandi bana bari mu bibazo. »


Paficique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.