IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu ca Centrafrika yavuye i Kigali abonana n’abategetsi ba (...)

Umukuru w’igihugu ca Centrafrika yavuye i Kigali abonana n’abategetsi ba Bujumbura

vendredi 23 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zose zigize Reta y’Uburundi kiriko kibera mu ntara ya Gitega kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yemeje amakuru y’urwo rugendo, ariko amenyesha ko ata butumwa yari arungikanwe.

"Nivyo hariho umushitsi adasanzwe, umukuru w’igihugu ca Centrafrika yarashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’ijoro. N’aho yaciye mu Rwanda, ntiyaje nk’intumwa y’Urwanda, yaje nk’intumwa y’igihugu ciwe."

JPEG - 94.9 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO (ari hagati), umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi ashikiriza ko imvo nyamukuru y’urwo rugendo kwari ugushima igikorwa kidasanzwe, umwete n’ubwira bw’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika.

Urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu wa Centrafrika Faustin-Archange Touadéra rwabaye inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika yari yabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda, ariko Uburundi bukaba butaserukiwe muri iyo nama. Reta y’Uburundi yasiguye ko yasivye muri iyo nama kuko itari yizeye umutekano mu Rwanda w’aboserukira Uburundi.

JPEG - 168.4 ko
Umukuru w’igihugu ca Centrafrika yakiriwe na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu

Egide NDUWIMANA

Messages

  • naze apfeguhanura mugantiyumva ahobahanuriyebikanka nagerageze. kugayanabatwara onu nagasuzuguro gakomeye

  • Ngo ntiyaraje azanye ubutumwa bw’u Rwanda?hhhahah ndatembagaye no gutwenga,ariko indongozi zacu kuki zirota k’umurango izuba riva?murabona u Rwanda rwobaronderako iki?ahubwo nimwe mukeneye imfashanyo y’u Rwanda,mbere baranavyerekanye batuzimiriza isoko rya Bujumbura banadutangira intwererano muri EAC

  • ariko kweri nkubwo koko mwumva diplomacie y’u Rwanda ari uko ukora dufite aba diplomat bari fort biramutse bibaye ngombwa ko u Rwanda rukenera kuganira n’u burundi ntabwo twari nda gutuma president w’ ikindi gihugu?!

  • KUBANA NINGOMBWA IYO BIKUNDA IYO BIDAKUNDA URAGERAGEZA BYAKWANGA, UKABIREKA ABARUNDI BANZE KO TUJYAYO SIMBONA IGIHOMBO NTAGIHUGU NAKIMWE UMUNYARWANDA YAJYAMO ALIKO ABANJE, GUCA IBIRUNDI. BADASHATSE KO TUBANA DUFUNZE NIBO BAHOMBA TWE BARAZA KANDI NTAKIBAZO BAGIRA KUBATUMA, HO! !!NGO BIGENDE GUTE! !!!!NTIBAKIYEMERE

  • None gayemwe, kugarukira kukibuga cindege vyovyo bisigura iki? Yatinye isuku nkeya mugisagara, wogirango yari muri transit.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.