IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umukuru w’igihugu yatanze iyindi ntererano y’amatora ya 2020

Umukuru w’igihugu yatanze iyindi ntererano y’amatora ya 2020

lundi 2 avril 2018

Iyo nteraro umukuru w’igihugu yatanze n’iya kabiri, kuko yari yatanze iya mbere ingana n’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi, kw’igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017, mw’ibanki nkuru y’igihugu, igisata gikorera mu ntara ya Ngozi nyene.

Iyo ntererano y’amatora ya 2020, ishirwa kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Ibisata bitandukanye vy’igihugu, kuva ku nama nshingamateka, inama nkenguzamateka, n’ubushikiranganji butandukanye, biramaze gutanga iyo ntererano y’amatora.

Désiré MUSHARITSE avugira ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, mu kiganiro abavugizi b’inzego baremesheje mu ntara ya Gitega, kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, yavuze ko amafaranga y’amatora yari amaze gutangwa yagera hafi ku miriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana abiri mu mafaranga y’amarundi, kandi ko abantu babandanya gutanga.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.