IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umunywanyi wa MSD yahora apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba yitavye (...)

Umunywanyi wa MSD yahora apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba yitavye Imana

vendredi 18 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

NDUWAYEZU Jean Claude, umunywanyi w’umugambwe MSD yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, yitavye Imana ari mu bitaro Prince Regent Charles mu cumba c’indembe. Mu mugambwe wiwe bavuga ko ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba bwamwimye uruhusha rw’ukuja kwivuza atarasinzikara.

NDUWAYEZU Jean Claude akaba yari asanzwe ari indongozi y’imvukira z’intara ya Gitega mu mugambwe MSD, imvukira zikorera mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 12.4 ko
NDUWAYEZU Jean Claude, umunywanyi wa MSD yahora apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Epithace NSHIMIRIMANA, umuvugizi w’umugambwe MSD amenyesha ko ari umubabaro ntangere, inyuma y’aho bamenyeye ko uwo munywanyi wa MSD yitavye Inama ihitanwe n’ingwara, muri uwo mugambwe bakavuga ko NDUWAYEZU Jean Claude agifatwa n’ingwara, yagerageje inzira zose zishoboka zo kwitabariza kugira anyarukanywe kwa muganga, ariko ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba buranka gutanga uruhusha rw’uko yojanwa ku bitaro, nk’uko vyemezwa n’umuvugizi wa MSD.

Umuvugizi w’umugambwe MSD ashikiriza ko bagiye gushengeza mu butungane umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba, kubera uruhara uwo muyobozi yagirizwa ko yagize mu rupfu rw’uwo munywanyi wa MSD yitavye Imana kuri uwu wa kane.

Ntiturashobora kuronka ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Mpimba, kugira bugire ico bushikirije, kuri ivyo bwagirijwe ko butotohereje uwo munywanyi wa MSD yarondera uruhusha rw’ukuja kwivuza hakiri kare.

NDUWAYEZU Jean Claude yafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante 2014, akaba yari amaze imyaka itatu n’amezi indwi apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yari yaciriwe igihano c’ugupfungwa imyaka icumi, ariko akaba yari yarunguruje, kuko atari yashimye urubanza yaciriwe.


IGIHE

Messages

  • MSD NIMWIHANGANE ARIKO ABAGIRIVYO NABO BAZOCHIKIGWA URUFYUTWESE TURARURINDIRIYE

  • birababaje cane kubona umuntu apfa abayobozi barorera.nibamenye ko umufungwa canke uwo mudasangiye ivyiyumviro arumuntu nk’abandi.imana imwakire.

  • Ntakundi imisi yiwe yari yashitse nukwihangana nabandi bari nyuma.

  • Ndahojeje umuryango mwihangane kandi nabandibanwanyiba MSD ntibazokwigere bahagarika gukora amakosha kuko nubwobopfa ntakibazo indongozi yacu Alexis Sinduhije irakomeye kuko yibera mu Bubiligi kandi akagiriranira imigenderanire ikomeye cane numuhinga muvyokwica Kagame.
    Mucamwimvako Sinduhije azozanana nababiligi na Kagame maze bafate uburundi abanwanyibabobose bazobabarapfuye akazocabazura bagahinduka bazima. Niyompamvundabasavye ntimuhagarike kuzamurakora amabi abaviramwo guhanwa mukanapfungwa uworwagezenawo agapfira mugasho.

  • RIP turabay m 1jr la justice sera fait nay abicany,nabarengany les innocents bazokwishura ivyo bakorey abarundi

  • Abayobozi Nkabo Bakwiy Gukurwa Kuk Amaraso Yiw Azobaza Uwomukuru Wampimba Yas Kumuha Uruhusha Kandi Yitabarij Muburundi Nabandi Barinyuma Bazopfa Kubera Kubura Uruhusha Rwabakuru Ngo Bivuz. Umuryango Ntiwihangan Umusi Wiw Wari Wagez Kaziwa Batamuhohoshej.

  • Birababaje cane kubon abantu bagifpa kuber ubujuju bubuzuyemwo. None gayemwe nkuyo yagumuka ngwazosubirire nkurunziza? Abapolititien twarabahinyuye muheza kuwatsa ntanuwumeny I yo mwaciye ibigugu bigasigar birawota biriha ivyaha mwakoze.niyohagiz icomuronka ntimutwibuka akarorero ka hafi gwasa agato

  • Turahojeje imiryango yuyo nyakwigendera hamwe nabo muri MSD bihangana sibo babuze nuburundi bwose bubuze, kuko yaritwari yabarundi. Abamugandaguye mukumwima uburengazira bwokwivuza bibuke nabo kwikinogo cabo kibarondiriye.

  • IMANA NIKWAKIRE MUBWAMI BWAYO.NAYO IYORETA YANKURU NIBINYWAMARASO GUSA BITEBE BITEBUKE IMANA IZOBISHURA.

  • turahojeje imiryangi yabuze abobicanyi bitebe bitebuke bazo bibazwa

  • Imana Niguhe Iruhukiro Ryayo Rihoraho,burya Ntakiba Ku Mwana W’ Imana Itabishatse.Abo Nabo Bararindiriye Kko Twese Tuzopfa.Hahiriwe Umuntu Azopfa Atagirijwe Amaraso Ya Mugenzi We.Imana Iduharire Turaruhiye Kw’ Isi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.