IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Koffi OLOMIDE yatashe adahawe n’urufaranga rumwe muyo yakoreye mu biteramo (...)

Koffi OLOMIDE yatashe adahawe n’urufaranga rumwe muyo yakoreye mu biteramo vy’i Bujumbura

mercredi 12 Mukakaro 2017

Inyanduruko ya vyose, ni umwe mu batunganije ivyo biteramo vy’umuririmvyi Koffi OLOMIDE, Osman Shabani NDAYISHIMIYE, akaba n’umukuru wa Empire Media ishirahamwe ryatunganije ibiteramo vya KOFFI ari nawe yategerezwa kumushikiriza amafaranga yakoreye, ariko mu nyuma afatwa ariko agerageza gusohoka igihugu.

Osman NDAYISHIMIYE batazira Shabani, yafashwe ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, afatirwa mu ntara ya Kirundo, yongera aranakomereka ariko agerageza guhunga mu gukoroka mu modoka yari yurijwemwo.

JPEG - 57.7 ko
Shabani Osman NDAYISHIMIYE yafatiwe mu Kirundo ariko agerageza guhungira mu Rwanda adatanze agahembo k’umuririmvyi Koffi OLOMIDE

Amakuru y’ihagarikwa rya Osman Shabani NDAYISHIMIYE batazira aremezwa n’abajejwe umutekano. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, yanditse avuga ko NDAYISHIMIYE Osman Shabani asubiye kwiba akoresheje amayeri, yahagaritswe mu Kirundo ariko ahungira mu gihugu c’Urwanda, inyuma yo gukora icaha i Bujumbura.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko Osman Shabani NDAYISHIMIYE ubu ariko aravurwa inyuma yo gukomereka ariko agerageza guhunga.

Koffi Olomide yavuye mu Burundi bigoranye

Amakuru ava mu begereye umuririmvyi Koffi Olomide bavuga ko nawe nyene ari kumwe n’umuririmvyi wiwe umwe azwi kw’izina rya Cindy Le Coeur, abatamba bane n’uwujejwe ubuzima bwiwe umwe, bitoroshe ko bava mu gihugu c’Uburundi kuwa wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017 kubera amafaranga ibihumbi 50 vy’amadorare yategerezwa kuronka imbere y’uko asohoka igihugu atayaronse.

JPEG - 94 ko
Bamwe mu bagize umurwi wa Koffi Olomide

Ibintu bisa n’ibitoroshe mu bagize umurwi Quartier Latin w’umuririrmvyi Koffi Olomide wari umaze iminsi uri mu Burundi, kuko bamwe mu bamufasha gutamba mu biteramo bagipfungiwe mw’ihoteri "Sun Safari" kubera batashoboye kuriha amafaranga y’ivyumba bari bamaze iminsi bararamwo, hamwe n’imfungurwa bihereje muri iyo minsi igera kuri 12 bamaze mu Burundi.

Ibiteramo vy’umuririmvyi Koffi Olomide vyari vyatunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 10 iheze Uburundi bwinjiye mw’Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko. Vyari bitegekanijwe ko Koffi Olomide amara iminsi itatu mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017, ariko kubera imvo zitaramenyekana yavuye mu gihugu kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Mukakaro 2017.

JPEG - 22.3 ko
Umuririmvyi Koffi Olomide

MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.