IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CENI wemeza ko ibikenewe vyose mu matora vyabonetse

Umurwi CENI wemeza ko ibikenewe vyose mu matora vyabonetse

dimanche 29 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Petero Karaveri NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI (Commission Narionale Electorale Indépendante) amenyesha ko n’ibikoresho vyoba bitaraboneka bitazosivya isango ry’amatora.

"Turiteguye bikwiye, ibikoresho nka vyose vyarabonetse, n’ivyoba bitarashika ntivyobuza ko isango yo mu kwezi kwa Rusama tuyikurikiza. Ibikoresho bikuru bikuru bikenewe bimaze iminsi biduga muri CEPI."

JPEG - 18 ko
Petero Karaveri NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI (Commission Narionale Electorale Indépendante)

Mu murwi CENI bamenyesha kandi ko babandanya ibikorwa vy’ukwakira abiyandikisha bakeneye kuba abarorerezi ku rwego rw’igihugu hamwe no ku rwego rw’intara.

Abakeneye kuba abarorerezi ku rwego rw’igihugu, bakirwa ahakorera umurwi w’igihugu CENI i Bujumbura, nayo abakeneye kuba abarorerezi ku rwego rw’intara bakakirwa ahakorera umurwi CEPI ujejwe amatora ku rwego rw’intara.

Mwomenya ko ico gikorwa c’ukwakira abashaka kuzoba abarorerezi kizosozerwa kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Ndamukiza 2018.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Natw Abarundi Turarindiranye Igishika Iryo Genekerezo Rya 17Rusama2018 Kugira Tugende Kwemeza Canke Guhakana Ivyahinyanyuwe Mwi Bwirizwa Shingiro.
    Ariko,ikibazo Kigaruka Ni Kimwe!
    Hariho Abarundi Bamwe N’ubu Tutaramenyeshwa Ivyahinduwe Mwi Bwirizwa Shingiro,none Tuzoja Kwemeza Canke Guhakana Ivyo Tutazi?!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.