IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amatongo > Umurwi CNTB uvuga ko abatumwako ntibitabe mu manza ,urubanza ruzoca rucibwa (...)

Umurwi CNTB uvuga ko abatumwako ntibitabe mu manza ,urubanza ruzoca rucibwa impaga

Wednesday 4 July 2018, by vianney

Mu kiganiro umuvugizi w’umurwi CNTB yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 4 Mukakaro 2018, Dieudonne MBONIMPA yamenyesheje ko hari abantu bagira urunani mukuburanira amatongo atari rwabo bafise intumbero yo kugira ubusuma n’abandi baba bashaka gusura ibinyoma,bazoshengezwa bahanwe hisunzwe amategeko agenga umurwi CNTB.

Dieudonnee MBONIMPA avugira CNTB yavuze ko ubu umurwi CNTB ufise amatati arenga ibihumbi 20 mu ntara zitandukanye z’igihugu hamwe n’ayandi matati 2400 ari mu gisata c’iyungururizo.

Murico kiganiro uyo muvugizi wa CNTB yavuze ko intara ya Rumonge hamwe n’intara ya Makamba arizo ziza imbere y’izindi zifise amatati menshi gusumba izindi arinaco gituma zashizwe imbere kugira amatati arangwa murizo ntara uko ari zibiri agabanuke gushikan k’urugero rw’izindi ntara.

Dieudonnee MBONIMPA yavuze ko bashima abatorera umuti amatati bafise ukwabo nk’uko bamaze imisi babibona mu gikorwa bamazemwo .

Inyuma yaho ku magenekerezo ya 10 gushika 29 Ruheshi umurwi CNTB wari mu bikorwa mu ntara ya Rumonge ,kuva kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 2018 uzoba uri mu bikorwa mu ntara ya Makamba.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • UMUNTU ABA MURUMONGE ADAFISE .IBIGAZI NUBUKIRISU YOHEBA KUGYA CNTB IKORERA MURUMONGE .ABA PASITERI ABASHEHE NA BAPATIRI .NIBAJE MURUMONGE BAHANURE .ABIMANA YABASHINJE.IJAMBO HARIWACU .RIRAHEJEJE .ABANTU MUBUGARAGWA . UMENGO KUBA MURUMONGE .UTAGIRA IBGAZI WOPFUMA WEMERA KUBESGA .MANA TABARA ABATWARA .IBITARIVYABO NGO HARIWACU.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.