IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ujejwe guhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ugiye (...)

Umurwi ujejwe guhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ugiye kujaho

mercredi 15 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 15 gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017. Muvyo biga hakaba harimwo integuro y’itegeko ivuga ibijanye n’umurwi uzohinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Mu bijanye n’uwo murwi, inama nshikiranganji yize n’ishirwaho ryawo, ikiringo cawo, hamwe n’ibikorwa vy’uwo murwi. Ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji kuri ico kibazo tukaba tuzobigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Tubibutse ko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi uheruka gushikiriza icegeranyo c’ivyo umaze gushikako. Muri uwo murwi bamenyesha ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.

Abari mu biganiro baravuze n’amabwirizwa amwe amwe yohinyanyurwa.

"Ibwirizwa rigenga imigambwe kugira ntihabeho imigambwe itagira abanywanyi, ibwirizwa mpanavyaha kugira ukudahana ivyaha bihagarare, ibwirizwa rigenga amatora kugira amatora agende neza, ibwirizwa rigenga amashirahamwe adaharaniranira ivyicaro vya poritike kugira akore ibiyaraba gusa, ibwirizwa rigenga amadini n’amashengero kugira nayo nyene akore ibiyaraba gusa."


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.