IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro wasozereye ibikorwa ku rwego (...)

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro wasozereye ibikorwa ku rwego rw’amakomine

samedi 29 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza abarundi wasozereye kuri uwu wa gatatu ibiganiro ku rwego rw’amakomine. Ivyo biganiro vyasozererewe mu ntara ya Kirundo, aho akaba ari mu gihe mu gihugu hagati, ivyo biganiro vyari vyuguruwe icese ku rwego rw’intara kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2016, mu ntara ya Kirundo nyene.

Abanyagihugu benshi baganiriye n’uwo murwi bagumye bagaruka ku vyiyumviro bimwe nka bose, ivyo navyo akaba ari ugufuta amasezerano ya Arusha, gufuta ibiringo vy’ukwitoza ku mukuru w’igihugu hamwe no guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.

Mu murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bamenyesha ko ibigiye gukurikira ari uko uwo murwi ushikira Abarundi bari mu makambi y’impunzi hanze y’igihugu, kubonana n’abanyapolitike iyo bari mu bindi bihugu hamwe no gushikana ibiganiro ku mitumba yose y’Uburundi, ariko aho akaba ari mu gihe abagize uwo murwi bokwongerwa ikiringo.

Tubibutse ko umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi uheruka gushikiriza icegeranyo c’ivyo umaze gushikako, aho bamenyesha ko abenshi mu bantu bumvirijwe n’uwo murwi basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotorwa ibiringo birenza bibiri, agatwara igihe cose abanyagihugu bomwizera.

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bihuza Abarundi (CNDI : Commission Nationale du Dialogue Interburundais), Musenyeri Justin NZOYISABA avuga ko naho uwo murwi utarashikiriza icegeranyo ca nyuma, wamaze kwegeranya ivyiyumviro nyamukuru abatari bake bashikirije.

Musenyeri Justin NZOYISABA yamenyesheje ko ku bijanye n’ibwirizwa shingiro, benshi bari mu biganiro basavye ko umukuru w’igihugu c’Uburundi yotwara ibiringo birenga bibiri, akisubiriza ku butegetsi igihe cose abanyagihugu boguma bamwizera.

Muri uwo murwi bavuga ko abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryoja hejuru y’amasezerano ya Arusha, abahoze barongoye Uburundi ntibasubire gushirwa mu nama nkenguzamateka ubuzima bwabo bwose nk’uko biri ubu, ahubwo bakabanza guhiganwa n’abandi mu matora kugira baje muri urwo rwego. Abanyagihugu basavye ko ibwirizwa shingiro ryohindurwa, kugira utunenge turimwo duhinyanyurwe, hamwe n’ugukosora amakosa ari mu masezerano y’i Arusha.


IGIHE

Messages

  • ibi nivyobiganiri bidakumira bihijambo bose atarivyabindi vyamagaburanyama, turasavyereta kuzoshiramungiro ivyabanyagihugu basavye.

  • Ivyo nuguta umwanya ewe musenyeri warahenzwe uzoba uteye ikigongwe aho bukera iryo rementanya urimwo na shobuja wawe riguhamburukanye uzogenda unyobanyoba wikinze ibisaka usaba uwo wimye ugira Ngo waramuhaye

  • Twarabahinyuye ko ivyo abanyagihugu bashikirije arivyo batamitswe na cddfdd kugira ngo bihej ibindi biringo ashaa aho ntimukoreko mudashaka ko uburundi bumera nya Syriya

  • bavuzengo bazosimbirahanze nkarimwe mumakambi ngo umwanyanimuto? wapi bagomvyekuja tanzania gusa babonyemugwanda batohatwera!muzozamuzodusanga ntanahamwe gwitaha:

  • Ntiwumva ibiganironyabiganiro rero, ahorero twokwemera ko ivyuwomurwi uzotangaza uvugango abenegihugu badutumye kuvuga gutinaguti bazobabavuze ukuri murumva kobitandukanye nazamvugo zabwabushirahamwe naheruka guhagarika bwirirwa bibesha ngwabanyagihugu duserukira ngobashaka ko dukomeza kubavugira kumbe nububeshi ahubwo barikuvugango indazacu nizozituma twemere gukwegera akarambaraye igihugu nabeneco.

  • Uwomugabo ngo nimusenyeri ibikorwa vy"Imana vyamutaye kuwamazi, ahinge nzekuronderera muri poritike. inzira zibibi zananiye imfisi, kandi ngo ntawukorera abami babiri !none yahisemwo gukorera Nkurunziza nakarwi kiwe, rwibwirizwa ngorihindurwa ? nga namasezerano ya arusha rwafutwe!mwarasaze mumitwe ntimukwije. Mwabijujumwe iyataba amasezerano ya Arusha mwebwe mwarigupfa munyaye kubutegetsi, kosutama yaribarembeje mwishamba mwamburakimazimwe! umwe murimwebwe niwe yabwiye komwarimutuzwe nimbeba, nibikere,ninzoka, nibikogoshi nyo kumisaka ya mazu yabantu bahunze, none mwavyibagiye, tutibagiye wamwicanyi mukuru Nkurunziza Petero, ko Arusha ya mukuye muri rwarufunzo rwi Buga yakunda kwihambamwo!. Abahutu mwibagira ningoga, ariko sibose abahutu bibagira ningoga, namwe murabazi bakoze ukobashoboye muguhanura Nkurunziza ngo ntagoke, ariko akarasa hejuru. Ivyo muhindura mwebwe nibiki ?kwataco muzi murimvuruzi gusa, ivyo navyo abo ba DD DDD bavuga ngumukuru wigihugu rwazoveho igihe avyiyumviriye ! nkuwo ariho yorambira kubutegetsi hakagira umuntu yoba akirarwa mwikigihugu cuburundi ? mumyaka amaze kubutegetsi abantu bamaze gupfa basumba ubunyegeri. Umwe niwe yavuze ngumuhusha tuga ahusha umugore.Natwabarundi,twahushije amahoro, twabuze perezida abukwiye, uwotwaronse nawe aba uwokwisamburirako nkimpene.

  • ahubwo mwibagiy nibeze barafira kubutegetsi kuber arimana yabashize kurubwo butegetse atari abanyagihugu.komera

  • Ariko ga musenyeri aho nta ni soni kwambara uyo mutamana ukaja murayo mafuti ubunyembwa nkubwo,uriko uratukisha uwo muryango ntaho utaniye n’abapadiri bagirizwa itsembatsemba n’itsembabwoko aho hiyo mu Rwanda

  • haaahaaa burya ngo numusenyeri ? uwo mugabo nigitangaza kbs kwiyita musenyeri mugihe ariko akoreshwa amafuti abona kubera amaronko birababaje . jewe uwo mugambi nawugaye kuvakera kuko mugihe hazotangwa ikigongwe uwakoze icaha atagisabiye imbabazi kuzoba arugusasira indava ikibi.ahubwo uwomusenyeri ntiyarakwiye gusubira imbere yaba kristu ivyo ariko arakora bitandukanye nivyo batwigisha kuko iyo ugiye gusa isakramentu ryikigongwe arakubwita ati urababariwe ivyaha ariko sindumva aho bavugako nabataje barekurirwa ivyaha murimake hababarirwa uwasavye imbabazi ahubwo niyikebuke asubize amaso inyuma areke ayomaronko nabe umushingante wukuri

  • Mbe ko mutatubwira umubonano wa Willy Nyamitwe n’abatavuga rumwe na leta Rwanda, bahuriye muri Norvege,murihenda kuri HE Kagame ari maso

  • uyo sipadiri ni satani yibereyaho manawe garukir abakozibawe

  • Ico ABENEGIHUGU bashatse kiraba.ukinda ugaramye, wicara,NUKO NYENE BIMEZE!!!

  • Mwebwe mutuka uyumusenyeri ntibintangaza kuko na Yesu nogereranya nigiti kibisi basogokuru banyu baramwubahutse bamwifatira mugahanga, nduvarero kwifatira mugahanga uyu Musenyeri nogereranya nigiti gito biraborohera. Ariko nubwo biborohera kumwifatira mugahanga ntibibuza ko bizobakwegera amahano nimivumo, ikibabaje nuko mutazobimenye konuzize ubwobusirasoni nubushizibwisoni kuruyu mukozi w’Imana Bishop turikoturabona ngaha yemeye kwitangira abene Burundi arabira intuguta kugira yumvirize ivyiyumviro vyabo kuko ntiyabamwira ngonimuvuge ibinabiriya ekanda baravuga akabumviriza. None muramuhora iki!? Rekanivugirenti: Mana ubababarire kuko batazi ivyobakora.

  • Emukristumurugendo, urabesha uwo icariko arakora arakizi.Niwibuke abakoze amabi mu rwanda mukwica abatutsi babahungiyeko bari abiyita ba Bishop, ntaweyohenda twarakurikiranye ibiganiro vyiwe cane, twarashitse ahabikorera, ngo buvuge ibitarivyo bijanye namacakubiri.Ntampanuro uzosanga atanga yogufasha uwomuntu, nayibiganiro bigirwa nukumviriza noguhanura ukwibintu vyogenda kugira amahoro aboneke, wewe siko biri.

  • At Morodikay,
    Nabibabwiye mwarubahutse mugakorera Yesu ibimeze nkivyodusoma kandivyukuri mugirabo ceranda bibiriya ntakundu mworeka kurementaniriza uyu mukozi w’Imana, umva Yesu yari umwana w’imana , uyunawe numukozi w’Imana,
    Mbega wobawibuka amarementanya bazabarakorera Yesu ahoyabaciye atanga impanuro, canke ntiwibuka ivyobamuvuzeko igihe avugiyengo mungorokwa data saho kudandariza atinaho gusengera gusa?
    Nawewe urasubiriye uragarukanye ubugambanyi uvugango uyu Musenyeri ngowaramukurikiranye ivyoyavugavyose wewe uvisebibi!
    Jewe ntibintangaza! Kuko harumugabo yitwa Sitefano abantu bamezenkawe bara murementanirize bamwagiriza ngoyatutse ahera h’Imana ngwakuraho nimigenzo ya Mose! Kandi muvukuri ntivyarivyo, ariko Sitefano ntiyabatutse ahubwo yabasabiye KU Mana ati Mana ntubaharureko icaha.
    Hanyuma rekandakwisabire wandike ngaha iryojambo uvuga yavuze ribi twese turyumve.

  • Ewe sha wiyita mukirisumurugendo ,reka guhoma amase ahatagira urutaro, ntabwarumukozi w’Imana! iyuvuga kwarumukozi wa Nkurunziza Petero, vyuvikana ivyiwe navyo bizoteba bishirwe ahabona vyabitswe ahadata, iyaba yarashitse imbere yubutungane,nijwe ryiwe, ryivyo yavuze ryomwagirije,Kuko na yezu yavuzego tagiti kibi, cokwami vyamwa vyiza!, shatusubire kuvuga ngo na bakozi b’Imana abirirwa baragandagura abanyagihugu, burimwaka bategura ibikorane vyogushimira shetani kobishe abantubeshi ugasanga bamanitse amakoti ngo bariko baratamba, wibuke yuko yavuze ngo mutambirubusa kuko amaboko yanyu yuzuye kwibitenga vyamaraso. na yuwo yahisemwe gukorera abami babiri, ariko rwi fyisi yaratambikije mumayirabiri icitabukamwo kumbiri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.