IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi usaba CPI gutanguza (...)

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi usaba CPI gutanguza amatohoza

lundi 4 Nyakanga 2017

Abakora amatohoza ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU basavye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017 ko sentare Mpuzamakungu yotanguza amatohoza ku vyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu vyakozwe n’abari mu nzego za Reta.

Mu cegeranyo ca mbere uwo murwi wa ONU ugira amatohoza ku Burundi wasohoye, werekanye ko ivyaha vyakozwe na bamwe bari mu nzego z’igendereza, bamwe mu bajejwe umutekano n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi ari ivyaha bihohotera agateka ka zina muntu.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’agateka ka zina FIDH, iryo shirahamwe rimenyesha ko ivyaha bisinzikaza agateka ka zina muntu vyakozwe kandi n’abari mu mirwi irwanya ubutegetsi.

JPEG - 54 ko
Fatsah Ouguergouz arongoye umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi umenyesha ko wakoze amatohoza ku bijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane, ihagarikwa ry’abantu hadakurikijwe amategeko, kw’inyuruzwa n’ihohoterwa n’ayandi mabi asinzikaza agateka ka zina muntu.

Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi umenyesha ko wakoze amatohoza ku bantu batari bake bahungiye hanze y’igihugu n’abandi bari mu gihugu, ariko ukemeza ko Reta y’Uburundi yanse ko uwo murwi ukorera ku butaka bw’Uburundi.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu yishura ku bibazo vy’abashingamateka yavuze ko ivyegeranyo bishikirizwa ku Burundi birimwo ibinyoma kuko bikorwa badashitse mu gihugu ngo babone ukuri.

JPEG - 46.8 ko
Martin NIVYABANDI,Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu

Mu ntumbero yo gukurikiranira hafi ivyegeranyo bikorwa ku Burundi, inama nshingamateka y’Uburundi yarashizeho umurwi ugizwe n’abashingamateka 12 ujejwe kwiga hamwe n’ugusuzuma ibivugwa mu cegeranyo ku Burundi c’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu.

Mu bice bitandukanye vy’igihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ari kumwe na bamwe mu bari mu nzego za Reta, aratunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyegeranyo bikorwa ku Burundi, bavuga ko birimwo ibinyoma.

Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi usavye Sentare Mpuzamakungu CPI gutanguza amatohoza, mu gihe kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, Uburundi buzoba buvuye ku mugaragaro muri Sentare Mpuzamakungu y’i La Haye.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • ivyo ni inkina mico ninde! ONU ni igikanga nyoni, nibiba ari ukuri nabarya baturira abantu mumapine kumurango nkuko biri kuri za youtube bazashikigwa.

  • Nkurunziza n’interahamwe ze FDLR/Imbjponerakure akari cyera bazaryozwa abantu birirwa bica

  • Iyo CPI ntaco yigeze imarira abarundi atar’ugukingira ikibaba abashatse gutembagaza ubutegetsi bwitorewe n’abanyagihugu nkuko yakingiye ikibaba abagandaguye ex-President Ndadaye Ndadaye Melchior n’abafasha biwe mukubashimira bamwe onu yabahaye amabanga akomakomeye mbere aribo bariko basaba agasakisaki CPI kuza mu burundi.Ibaze yemwe abahutu bagandaguwe 1972 n’iyindi myaka muzi ntavuze iyo Cpi ntiyigeze isokoroka.Mbega yari mw’i conge?2015, Abambitse amapine abantu bakabaturira bakica n’izindi nzira karengane bagateg’imitego abategetsi bakomakomeye ba leta mbere bamwe bakanagandagurwa CPI ntiyigeze ibarengutsa.CPI ico tubona n’igikoresho c’abashatse gutembagaza ubutegetsi 2015 batinya k’ubutungane bw’uburundi bwobakubita intahe mugahanga.

  • CPI kaze kaze mudufatire abo ba ,DD, Interahamwe n’imbonerakure mwagiye mwabona sha,fimbo chapa

  • Des atteintes aux droits de l’homme ont également été commises par des groupes armés d’opposition, mais celles-ci se sont avérées difficiles àdocumenter. Et pourquoi les autres cas sont faciles àdocumenter?

    La Commission a également collecté des informations relatives àdes assassinats
    commis par des auteurs dont elle n’a pas pu établir l’identité ou la responsabilité, comme
    ceux du général Adolphe Nshimirimana. Et pourquoi les identités ou la responsabilité des autres crimes sont facile àétablir?
    C’ est amusant!!! Hari ba nyagupfa na ba yagukira !!!!! Ariko Imana Idaca ugwankunzi iriho!! Izotugwanira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.