IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji ajejwe EAC yerekanye igituma badashika ku mahangiro

Umushikiranganji ajejwe EAC yerekanye igituma badashika ku mahangiro

lundi 8 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuzeko ibitari bike vyaranguwe mu bushikiranganji nko gutunganya inganda inganda 6 zo kumenyakanisha no guhanahana amakuru ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize afrika y’ubuseruko,hamwe n’ingendo zo kwungurana ubwenge muvyo ubuhinga n’ubumenyi.

Umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko,hatunganijwe kandi amahuriro yabaye akaryo keza k’Uburundi ko kwerekana ishusho yabwo n’ukwereka amakungu uko imirimo yabwo itunganywa.

Naho hakozwe vyinshi kandi vyiza, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO avuga ko n’intambayi zitabuze mw’ishirwa mu ngiro ry’imigabo n’imigambi yo kwinjira mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kubwa Isabelle NDAHAYO, hejuru y’ikibazo c’uburyo mu mafaranga bafise ingorane ifatiye ku gutunganya kumwe ibijanye no kuja hamwe kw’Uburundi n’ibindi bihugu bigize afrika y’ubuseruko, ingorane zijanye no guhindura ingendo n’ivyiyumviro kugira abantu bashobore kujana n’ibihe mu vyerekeye ukuja hamwe kw’ibihugu.

JPEG - 88.7 ko
Isabelle NDAHAYO, Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe iyinjira mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO amenyesha ko mu ngorane ubushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko buhura nazo, zose zitava ku bushikiranganji, ariko hari iziva ahandi ariko zikaba intambamyi ku bijanye no gushika kw’ihangiro uko vyategerezwa.

Mu bigiye kurangurwa mu mwaka wa 2018, umushikiranganji NDAHAYO Isabelle, avuga ko ubushikiranganji arongoye bugiye kubandanya gukurikirana no gutunganya ibikorwa vyose bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko.

Amenyesha ko bagiye no kubandanya igikogwa kijanye no gusanisha inzego n’amategeko y’uwomuryango wa Afrika y’Ubuseruko,guhagarikira inyungu z’igihugu kugirango Uburundi bugire akarusho na cane cane mu migambi ijanye n’inyubako nk’amabaraba, indarayi, amasoko ntanganguvu, hamwe no kuronka akazi.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.