IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > IFARANGA > Umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amafaranga y’agaciro (...)

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko amafaranga y’agaciro azoboneka

samedi 3 février 2018

Igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu mwaka wa 2017, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko naho amafaranga y’agaciro vyashitse agakena, bizoshoboka kugira ayo mafaranga aboneke kuko ibiri mu gihugu vyose bishobora kuvyara amafaranga y’agaciro.

Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ati :“Ikidashoboka n’igiki ? Ubu umwimbu w’agatasi urashimishije ku buryo aha ikigo gitoza amakori n’amatagisi coca kitubwira amafaranga y’agaciro yakoreshwa mu kwinjiza ivyo vyimburwa.”

Uwo mushikiranganji w’ikigega ca Reta amenyesha ko igiterwa c’ikawa cahora kija kugurishwa hanze mu kinyegero vyatuma igihugu kihahombera amafaranga y’agaciro,ubu catorewe umuti bigiye gufasha mw’iboneka ry’ayo mafaranga.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.