IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikiranganji w’ubutungane agereranya abacamanza bakora nabi (...)

Umushikiranganji w’ubutungane agereranya abacamanza bakora nabi n’isato

vendredi 21 Mukakaro 2017

Umushikiranganji w’ubutungane avuga ko abacamanza bakwiye kumenya ko aribo bahagarariye igihugu n’abanyagihugu mu bijanye n’ubutungane.

Aimée Laurentine KANYANA avuga ko igihe cose icaha cakozwe kizira gukingira ikibaba uwagikoze, mu gihe naho bibonetse ko uwakoze icaha yakingiwe ikibaba azobihanirwa, kuko abari hanze y’ubutungane bama bavuga ko hari ibitagenda neza.

Umushigikiranganji w’ubutungane yagize ati : «Abo bacamanza badakora neza ni amasato, kandi isato izofatwa tuzoyikubita mu mutwe

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYAMA yasiguye ko icaha cose kizokorwa n’umucamanza kizohanirwa uwagikoze, kandi bidakwiye kuvugwa ku butungane bwose, kuko hari abacamanza bakora neza.

JPEG - 57.7 ko
Aimee Laurentine KANYANA,Umushikiranganji w’ubutungane

Umushikiranganji w’ubutungane asaba abacamanza guca imanza nyinshi kandi nziza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Inkoma yifatiye mu gahanga amasato!

  • kubera Iki Abashingantahe Bo Kumugina Baca Urubanza Kumusi Umwe Kandi MuGAshima Mwese .Muga Muri Setare Imyaka Cumi 10 ANS TWEHO BATUBWIYE KO DOSIYE YACU YABUZE . NTAWUZI AHO IZOBONEKERA NIMUGERAGEZE

  • Uwo Kanyana avuze ngo "azokubita isato niyazifata" nukuvuga yuko ari "umukubisiwisato" . None rero ngira mbaze ikintu kimwe : abacamanza baca urwangondagonde nabo nabaki ? Incarwatsi , imvuvyi canke ?
    Ico ntokwibagira kuvuga nuko iyo mvugo yuwo mugore irateye agahinda? Muti kuki ? Abibuka ivyabaye mu Rwanda kuri habyarimana imbere ya 1993 , leta yico gihe yaguma yita abatutsi canke abari muri FPR ngo "inyenzi" . Ugiye mu nsiguro ijanye nivya propagande , ivyo bintu birakomeye cane , kuko hariho abantu benshi bibaza yuko "abatutsi" boba ari inyenzi ka gakoko muzi , kugira bashobore kuronka uburenganazira bwo kwivuna agakoko kabateye , gutryo ntibagire impungenge zo mu mutima yuko boba bishe abantu . Uwo Kanyana nivyo ariko aragira . Nibaza yuko Uburundi bugona buri maso , ivyo uwo mugore avuga nibaza yuko ashobora kubisigurira imbere y’intahe y’abantu n’Imana. Ariko igihano gikomeye nibaza yuko azogihabwa n’Imana. Niyigumire ngaho gusa. Ikindi nokwongerako nuko amakosa arabaho mu bihugu vyose , haba kurya ibiturire canke ibindi , guhamagara abantu yuko "bakubita isato mu mutwe" nta nkeka yuko uwo Kanyana asaba yuko bica abacamanza atemera , avuga yuko "bagira amakosa" . Mbega ko atavuga ingene bakora nabi , nkumbure nabatemera politique ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.