IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikiranganji w’ubutungane yashikirije ibigiye gukorwa inyuma yo kuva (...)

Umushikiranganji w’ubutungane yashikirije ibigiye gukorwa inyuma yo kuva muri CPI

vendredi 27 octobre 2017

Mu nama yo kurabira hamwe ibigiye gukorwa inyuma yaho Uburundi buvuye burundu muri Sentare mpanavyaha y’i La Haye(CPI) yahuje abajejwe intwaro bo mu gisagara ca Bujumbura,abajejwe umutekano hamwe n’abakozi bakuru bakuru bo mu butungane ,Aimee Laurentine Kanyana atwara ubushikiranganji bw’ubutungane yamenyesheje ko kubona igihugu cavuye muri CPI ivyaha bijanye n’ihonyabwoko ,ubwicanyi bwagahomera bunwa hamwe no gusinzikaza agateka ka zina muntu vyose bizobandanya bihanwa n’inzego z’ubutungane z’Uburundi nkuko vyari bisanzwe bimeze.

Bimwe mu bigiye gukorwa uyo mushikiranganji yavuze ko bagiye kworohereza abanyagihugu gushikira ubutungane ,gukwirikiranira hafi amadosiye y’abantu bapfunzwe ,kugwanya igiturire gituma abantu bafungirwa ubusa, abajejwe amabohero nabo abasaba kuzokwama bafata neza abapfunzwe na cane cane kubavuza iyo bagwaye hamwe no kubafasha kugira imanza zabo zicibwe mu mwanya wategekanijwe .

Umushikirizamanza mukuru wa Repuburika y’Uburundi Sylvestre NYANDWI yahamagariye inyamiramabi gutohoza ivyaha zikwirikije amategeko hamwe no kudafunga abantu bakoze ivyaha bitobito .

Uyo mushikirizamanza mukuru wa Repuburika yavuze ko igisata c’ubutungane kigiye gukora n’inguvu kugira ivyaha bikorwa bizohanwe gutyo ntihagire uwuzosubira kwiyumvira ko abacamanza bo hanze y’igihugu aribo bashoboye guca imanza.

Uburundi buvuye burundu muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye uno musi igenekerezo rya 27 gitugutu 2017 inyuma y’umwaka uheze busavye kuva mur’iyo sentare kuko yashaka kuza gutohoza ku mabi yakozwe kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2015 aho Reta yagumye ishikiriza ko ivyaha vyakozwe mur’ico gihe bitarengeye inzego z’ubutungane zo mu gihugu kandi ko atavyaha bijanye n’ivyo kurengera agateka ka zina muntu vyakozwe.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.