IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umwe mu bagirizwa urupfu rwa General Adolphe NSHIMIRIMANA yatorotse abanje (...)

Umwe mu bagirizwa urupfu rwa General Adolphe NSHIMIRIMANA yatorotse abanje kwica umuporisi

mercredi 14 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umwe mu bagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA yatorotse ibohero abanje kugandagura umuporisi yari amucunze. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo munyororo yari yatorotse nawe yahavuye yitaba Imana.

Renovat NIMUBONA yahoze ari umuporisi, yari umwe mu bari bapfungiwe mw’ibohero ry’i Gitega, bagirizwa urupfu rwa Général Adolphe NSHIMIRIMANA. Yasavye uruhusha rw’ukuja kubikuza amafaranga kuri Posita i Gitega, baramwerera, ariko bamuha umuporisi amucunga. Nk’uko amakuru ava i Gitega abivuga, ahejeje kubikuza ayo mafaranga yasavye uwo muporisi amucunze ko bojana gusangira inzoga mu nzu y’ubunywero n’uburiro yitwa "Palaso", iri muri karitiye ya Shatanya ya kane, mu gisagara ca Gitega. Bashitse aho bariko bivunira akanyota, umupfungwa Renovat NIMUBONA yaciye agandagura uwo muporisi, abona gutoroka. Inkoho yakoresheje mu kugandagura uwo muporisi bayisanze imbere y’ikiziga. ariko amakuru dufise avuga ko iyo nkoho yoba yayizaniwe n’uwundi muntu yabasanze aho bariko baranywera, akaba yayizanye mw’isakoshi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo mupfungwa yari yatorotse nawe yahavuye yitaba Imana. Kubwa OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi, uwo yari yatorotse yahitanwe n’amasasu yarashwe n’uwundi mupfungwa.

Kuri uwu wa gatatu, ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuvugizi w’igiporisi yagize ati : "L’assassin du Lt Gn Adolphe Nshimirimana qui s’était évadé hier en tuant 1policier a succombé aux tirs d’1 codétenu"

Ikiziga c’uwo mupfungwa yishwe catowe mw’ibarabara rigabura amakaritiye ya Mushasha na Shatanya yo mu ntara ya Gitega. Uwo yishwe yari yambaye ipantaro y’urwatsi rutoto (umwambaro w’abapfungwa mu Burundi), hejuru ku gikiriza akaba ataco yari yambaye.


IGIHE

Messages

  • aha niho mbonereako abarundi muri ibijuju, umuntu afungiye ico caha arasohoka!!!!!!!???

  • reka kubesha abarundi nabarundikazi ek namakungu, iyi pistolet yayikuyehe? nimusopa umua birabona ivyontu avant yogusohoka niyamayeri yanyu, uwo mu police yishwe yari mubahoze ari umusirikare mugisoda cekera ca Leta mwagwana, hama nomubo mwafunze ngo nabishe harabo mwashizemwo comme amayeri kugira bazogire abo badodobereza, bikunde mubaronke. uwo mufungwa mwamuhaye amayeri yokugira avemurubwo buroko mumuha ikigwanisho, ati tuguha uwugucunga umwe, bikunde umwivune ucewigira kko mwari mwabuze amayeri yukuntu mumurekura kko yari yiyemereye umusaraba. Imana ishimwe kwivyo yarondeye bizomutunga mwomuhemvye atabishikiriye. Ibigugu vyoz

  • iyi nkuru ntabwo yumvikana kabisa!... harimo amacenga menshi cyane

  • Birababaje kubona police ija gusangir inzoga nabafungwa nagomba mpoz umuryango wabuze hamwe nigipolice cabuze. Mugab iyinkuru ntitosoye none kahapfuy umufungwa nuwumucunze hari hatorotse 2 ? Muduh umuco canke mukosore Muduh in kuru ikwiye

  • Ntibisobanutse imfungwa ijya muri bank gute? Hanyuma ikajyana numuporisi mu kabari? Abarundi mukabije akajagari kabisa. Njya mbabwira nti igiporisi cyanyu nta mwuga gifite nigute umuporisi yemera kujya kunywa mu masaha yakazi? Muzaze mu Rwanda nimbonera umuporisi cg umusirikare wa RDF uri mu kabari yambaye uniform muzambwire. Ubundi ngo uwo yatorotse nawe yahise araswa nimfungwa? Ni akumiro igiporisi cyuburundi. Najyaga nza I Bujumbura ngahura nabaporisi bari kunywa nkumva ndumiwe peeeeeee . Muve mu mwanda muzamure igihugu cyanyu. Ariko kandi noneho ndabona umuvugizi wa polisi yobagiwe kuvuga ko ari u Rwanda rwarashe uwo muporisi.

  • Umupolisi aja gusangira inzoga n’uwo acungereye???
    Muzicwa na corruption mwagize ubuhizi.
    Abapalisi badashobora gucungera abanyororo bocungera igihugu gute?
    Ico muzi murazi

  • Ivyo Bishoboka Gt Ko Yicwa Nuwundi Mupfungwa?

  • Hahaha Ntakundi Igero Yicaha Nurupfu Imana Imwakire

  • Hahaha Ntakundi Igero Yicaha Nurupfu Imana Imwakire

  • guhungira igitega biragoye mugabo kuko hari imbonerakure nyishi cane, aheza ni bujumbuira.

  • Ayo niyamayeri yanyu turabazi!Muhenda bande mbega?Mwanse ko avuga abishe vyukuri adolfo!Ahuuuuuuu, ego mama!Mbe uyo mufungwa we yamwishe bahuriye hanze ya prison bigenze gute? Ba mwibaza ko abo mubwira bafise ubwenge nabo umufungwa acunga abandi canke?

  • utekereje neza ivyiyi nkuru uca usanga hari ivyumvikana mugabo ugaca wumva ko harimwo nibitumvikana . Akarore1-kuba uyu mufungwa ya duze ku bank kuronderayo amahera vyo vyo birashoboka kuko ikintu cajemo amahera ni bake batogikora ariko 50% bogikora . 2- kuba uyo mupolisi yajanye nuyo mufungwa gusangira aka bierre ico nago gitangaje kuko nawe n’umuntu si malayika cane ko yabonye ko yakuyemo amahera menshi ashobora kubikora ateganya kuza ku mukuraho n’andi mahera naho wenda ivyo kuvuga ngo uwo munyururu aho yakuye imbunda yo guhitana uwo mu police ,byo birashoboka ko bayimuzanira bitewe nuburyo yateguye gucika ,,,,,, Ariko ivyo bindi vyanditwe ngo uwo munyururu yamaze kwivugana uwo mupolisi hama undi munyururu aca yivugana uwo munyuru mugenzi wiwe vyovyo ntivyumvikana aho uwo munyururu yakuye inkoho nuburyo uwo munyururu yabakurikiranye mpaka aho biciraga akanyota nuburyo ariwe yatabaye police ntitabare ese uwo munyururu yaba yarakuye he imbunda? Kubwibyo ge mbona iyi nkuru irimo urjijo rwinshi ...... Ariko ge nahise mbona uko byose vyagenze n’urujijo rwarimo kuri benshi ge narutahuye uko vyose bimeze gusa ico nabwira abarundi mwese yaba abari mu gihugu canke abatari mu gihugu nuko impanuro igira iti barundi mwese muve ibuzimu mugaruke ibumuntu bitarivyo muzisama mwasandaye baravuga ngo ico utigiye ku muvyeyi uzakigira mu mwishuri bati ico utigiye mwishuri uzakigira kumuturanyi bivuze ko niba ivyabaye i Rwanda bitarabigishije Isi igiye kubigisha !!!! Gusa sivyo nakabifurije kuko ntawe nakifuruza ikibi ariko urwishigishiye ararusoma kandi umuntu asarura ibyo yabivye nimukomeza kubibiba inzangano hagati yanyu ubwo ico muzasarura mucumva gusa gewe mbifurije kubiba urukundo mukazasarura amahoro

  • Ntamwuga udakiza uwokwiga imwugayokwigayose niyagiratomborantafatwe

  • hahahahahahahahahahahahaah!!!!!!!

    vrma murakabij!!! noe nigut um untu yagirizwa icaha nkico mumuha permission ngo aje kuri bank? ahubwo c ayo mahera ayakoziki?

    Noneho nyunvira vrma ngo baja mukabari kunywa inzoga!!!!!!!! umupfungwa numu police basangira gute?!!!!

    Hama umuvugizi wa Police yigihugu cose akavuga amafuti nkayo kweri?!!!!!!!

    Muratangaje!!!!!
    none ko mutariko mubwira amakungu ngo n’Urwanda rwabikoze? ko mumenyerey kubashirako amafuti yanyu yose!!!!

    Murakeneye kubanza kwiga gukunda igihugu canyu mbere ko mwiyita abo muribo!!!!

  • Ahubwo narabivuze kandi birazwi abo bantu babeshera ngo bishe Adolphe .mbe ko Adolphe yatimywa na pita iyo yindi mbundege yari kumutwera ninde?ahubwo abo bagirizwa urupfu gwa adolphe nibabareke kuko yishwe nabo basangiye kugisivya.bazira ubusa .mbe ko Pita mutamukorako amatohoza ku rupfu gwa adolphe!

  • Sha police y uburundi nifeke Kweli nigute umufungwa asaba uruhusa rwo kujya kubikuza amafranga kweri? Ibaze noneho bakajya mukabare hahahahaa gewe ndumva ari histoire kbsa,nkurunziza igihugu wagisanze arikiza none urakishe urakimaze pe

  • Mchezo wa ndani,erega dutwawe n’ibisizimwe,urabona ngo murabapangira kubica mukabesha ko yaragiye kuretira amahera kw’i Posta,ni hehe kw’isi umu prisonier agira droit zo kuja kuri banque?

  • Abantu baunda inzoga bazota igihugu mu manga. Uwo mupolisi n’imborerwa gusa nta banga ry’igipolisi yar’ashoboye.

  • Sha Birakabon Aphuye.Kuko Ni Yaraz Amarira Natwe Yadushizemwo Kweri Kubon Aduhekura Kweri Sha Reka Nawe Yumv Ingene Biryoshe

  • Sha Birakabon Aphuye.Kuko Ni Yaraz Amarira Natwe Yadushizemwo Kweri Kubon Aduhekura Kweri Sha Reka Nawe Yumv Ingene Biryoshe

  • Nukuri Ahubwo Uwomumenja Yaduhekuye Lt Gn Nh Adlph, Ntiyapfuye. Ahubwo Yirabitse Kugira Arase Abandi. Murabura Kumuca Kureee! Kuko Twohava Duherera Mugusamara Ngo Yapfuye.

  • Ubwambere Ndahojeje,igisirikare Ni Giporisi .kandi Dufatanye Nabene Uwo Nyakwigendera Umubabaro. Ariko Sivyiza Ababishankabo Kubaha Umuporisi Umwe.

  • IYOPFUNGWA IRAKABONA IPFUYE KUKO NAYOYAGIYEYISHE

  • ivyo bintu ntibisobanitse iyofungwa nimitwe yakinywe yo kumu ganfagura birumvikana

  • Ikijuju c umupolisi.urahenda nde.wibagiwe kuvuga ko ari urwanda rwabikoze

  • Iwyo Ntibisobanutse Inkoho Yicishije Uwo Muporisi Ngo Bayisanze Ahonyene Iyuwo Muporisi Nayo?Ayo Masasu Yahitanye Uwo Mufungwa Yari Kurwana Nande Ko Wumva Yasohotse Neza Mbe Ntaminote Yari Yambaye Vuga Ibintu Biteguye Neza Nibaza Kwiyi Nkuru Itatanzwe Nigiporisi Cuburundi

  • Ncuti Ivyo Birashoboka Ko Umufugwa Yokwica Uwundi Akoresheje Umuheto W’igihugu?Canke Uwo Wundi Mufugwa Yihisha Mubandi,sumufugwa,amakuru Umuntu Afatira Hagufi Uwo Capta Genelo Ni Umukozi Wadokimataso,kuko Amaze Kwica Beshi Arafise Nikoho Bamuhaye Akoresha,umuntu Adahuza Na Leta Yankurunziza Ntibacana Uwaka,atayeko Arafise Abobikorana Kwibohero Nyene Mukwagaza Nabangeziwe,akarorero Nkabo Mukwezi10 Kuwumwaka Nyene Bajanye Mwibohero Murutana Ari7 Nimodoka Yigipolisi Baherekejwe Numushefu Wa Juridique Gitega Kandi Ivyo Bitabaho,umuyororo Atwagwa Nabo Mubuyobozi Bunkuru Bwamabohero,aho Barataguye Kuza Barakuramwo Kamwe Kamwe Mpaka Babamaze Bose,hari Nimigabi Umuntu Afatira Hagufi Yokugandagura Abagirizwa Gukubita Kundeta Ariko Vyabataye Kumazi.

  • Nukuzimanganya ibimenyetso, abashize Adolphe bose Leta igomba kubica kugirango ukuri ntikumenyekane. Umufungwa araja muri banque gufata amafaranga, agaca aja muri hotel gusangira numupolisi. HHHHHHHHHH, ico gihugu ntigisanzwe. Peter aratumara ntanubwenge ashizemwo

  • Iyi nkuru ntiyuzuye kko mwibagiwe kuvuga ko ari u Rwanda rwamurashe. Birababaje kubona umuvugizi wigiporisi avuga ubuswa nkubu ngo imfungwa yajyanye numuporisi kuri banki hanyuma mu kabari? Kandi ugasanga harimo ababyemera ra?

  • UWICISHIJE INKOTA UWUNDI AZOKWICWA NAYO.INGERO Y’IGICUMURO N’URUPFU.

  • Umuryango Wumuporisi Turawuhojeje

  • ijambo ifungwa cg umunyororo bishatse kuvuga wiki? umunyororo ntaburenganzira afite bwo gusohoka gereza ,ngo kubikuza amafaranga noneho ababwiye gusura umuryango wiwe mwamureka? arangije ajya gusangira agacupa numupolice wamuherekeje hahahahaha murumva icyari gukurikira , ibintu bitumvikana nagato kabisa igipolice kitarimwo umwuga cyishamba nukonguko gikora uwanyereka umuyobozi wa gereza tatanze uruhusha ntakindi ,
    mukwiye ingando rwose mwarangiza ngo muzaza guteza akaduruvayo hakurya ya kanyaru mukiri mumucafu wubuyobozi bubi nkubwongubwo barababeshye sha!!!!!!!!!!!

  • nanje ndahojej umuryango wuwo mu police

  • ndababaze mwese mbe kwikiza bagitoye hagati ya mabarabara niho yiciwe koyishwe nuwundi mufungwa mbe hoho umufungwa birarekuwe kwa tungira ikirwanisho mugasho turazinanye wangu

  • ndababaze mwese mbe kwikiziga bagitoye hagati ya mabarabara niho yiciwe koyishwe nuwundi mufungwa mbe hoho umufungwa birarekuwe kwa tungira ikirwanisho mugasho turazinanye wangu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.