IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > Smart > Université de Ngozi: Abanyeshure baronkejwe uburyo bwo gukoresha internet (...)

Université de Ngozi: Abanyeshure baronkejwe uburyo bwo gukoresha internet kubuntu na Smart Burundi

Friday 17 August 2018, by Jean De Dieu

Uwaserukiye ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi, Saiid Mereb yamenyesheje ko ayo masezerano aje gufasha abanyeshure b’iryo shure kuronka ubuhinga ngurukanabumenyi bitagoranye.

Uwo yaserukiye ishirahamwe Smart Burundi yavuze ko ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi ryashizeho ubuhinga butari buke n’uturusho, mu ntumbero yo kworohereza abo banyeshure kugira bakore ubushakashatsi “Recherche sur internet” bitabagoye.

Bumwe murubwo burusho ishirahamwe Smart Burundi ryashizeho ni ubuhinga bwa Nyemeza, Smart Pesa, Twiyagire hamwe n’ubundi.

Yaba Umuyobozi mukuru w’ishure kaminuza rya Ngozi Pere BANGAYIMBAGA Appollinaire canke uwaserukiye Bulamatari bose barashima ico gikorwa ishirahamwe Smart Burundi ryatanguje kuriryo shure kuko bizokorohereza abanyeshure gukoresha internet bitabagoye hamwe noguhamagara kugiciro kizimbutse.

Kubari mubibanze bisanzwe birimo Smart WIFI HotSpot bifuza gukoresha internet mw’isaha imwe kubuntu

Urugurura wifi kuri terefone yawe canke ku mashini nyabwonko yawe fyonda kuri Smart WIFI HotSpot,fyonda Connecter, Huguruka page igusaba gushiremwo inimero ya terefone yawe hama uronke isaha imwe yo kuja kuri internet kubuntu. Isaha iheze gura utundi turusho akamasaha 3 ku mafaranga 1000 hamwe n’agaseke ku musi kamara umusi wose kumafranga 3000.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.