IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Willy NYAMITWE : "Igihugu c’Uburundi ni nyabagendwa"

Willy NYAMITWE : "Igihugu c’Uburundi ni nyabagendwa"

samedi 27 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ico gikorwa categuwe n’abantu bigenga atawutogishikigira kuko kivuga amahoro. NYAMITWE asaba abahunze Uburundi ko botahuka kwubaka igihugu cabo.

"Abari hanze y’Uburundi bomenya ko hariho ingendo igayitse y’ugucapfuza igihugu c’Uburundi. Ntituri igihugu ca mbere gicapfujwe, hariho n’ibindi. Ariko igikuru ni ukumenya ko igihugu c’Uburundi ari nyabadendwa. Nibaze mu gihugu c’Uburundi bashobore kucubaka. Hari abatanguye gutahuka, n’abandi twobabwira ko boza."

JPEG - 125.8 ko
Willy NYAMITWE

Ihiganwa "Bujumbura Peace Run 2017" ryabaye kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama 2017 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE. Iryo higanwa ryatangujwe icese n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, rikaba ryari ryitabwe n’abategetsi batandukanye : Abashikiranganji, abashingamateka, bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaje bava mu bihugu vya Kenya, Uganda, Tanzaniya, n’abandi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.