IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Yaga n’incuti ataco winona hamwe na IM Call ya Lumitel

Yaga n’incuti ataco winona hamwe na IM Call ya Lumitel

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Ntutangwe kumenya ibigezweho na Lumitel, kuko ubu iryo shirahamwe ryabazaniye ikindi gisata corohereza abanywanyi mu kuyaga n’incuti n’abagenzi vyoroshe kandi ku giciro ata handi bogisanga.

IM Call ni igisata gifasha abanywanyi kurungika ubutumwa bugufi (message), amasanamu (photos na Video), n’utundi dusanamu two gutwenza. Si ivyo gusa, kuko umunywanyi wa Lumitel akoresha ico gisata arashobora no guhamagara abagenzi hamwe n’incuti.

Mu kwironkera IM Call biroroshe.. Muca mu gisatsa ca ngendanwa yanyu ca Play Store canke Google Store, mukarondera iyo serivisi ya IM Call, mugaca mwugurura ikonte yanyu.

Mwipfuza guhamagara umunywanyi afise ico gisata ca IM Call canke murungike ubutumwa bugufi, mu bikora ku buntu. Nayo guhamagara uwudakoresha ico gisata, mukumuhamagara mukoresha ‘’Call out’’, aho muriha amafaranga gusa 20 ku munota.

Ntutangwe kwiyagira n’incuti n’abagenzi ku giciro kitavuna hamwe na IM Call ya Lumitel.

Mufise ico mubaza, muhamagara kuri 100.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.