IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Aba Scout bibuka ivuka rya Baden-Powwell

Aba Scout bibuka ivuka rya Baden-Powwell

vendredi 22 Ruhuhuma 2013

Igenekerezo rya 22 Ruhuhuma uko umwaka utashe,abo mu muhari w’aba Scout kw’isi baribuka ivuka rya Smith Stephenson Robert Baden Powell azwi cane kw’izina rya Baden Powell, yatanguje umuhari w’aba Scout n’aba guide. Uhimbazwa kuri iki civugo uwu mwaka , kw’isi yose: « Igi scout cigisha amahoro n’ugukunda igihugu amahoro no kuba umwenegihugu.»

JPEG - 16.9 ko

Baden Powell yavutse igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 1857 mu muryango utishoboye, mu gihugu c’Ubwongereza. Uko imisi yagenda niko n’indero yatojwe n’abavyeyi yayigendera, bituma aba umuntu yubashwe.Yarageze mu bantu bifise aho bamuha icubahiro c’abo hejuru. Niho yahitamwo kuva mu buzima bubayabaye yari yakuriyemwo aja mubifise. Yari umusirikare. Yaciye ava no mugisirikare kuko yari yabonye ko urwaruka barukoresha bakoresheje inyibato idashemeye. Ariko Baden Powell yaciye aha akaryo umuhari w’aba Scout.

Umu Scout wese ahamagariwe igikorwa ciza co kwitanga.
Kubwa Teddy Ndikumazambo, komiseri mukuri wa karere k’aba scouti, ngo Baden Powell bamwibukira kuri vyinshi kuko ari n’umuntu yaranze kahise mu ba scout. Ngo kandi kubwa Baden Powell, twari dukwiye gukingira abanyantege nke no kwubaha abandi , tutibagiye gufasha bagenzi bacu.

Komiseri Ndikumazambo yaribukije ijambo rya nyuma Baden powell yasize avuze : « Murasige ino si muyigize neza kurusha uko muyisanze ».
Yarongeye avuga ko mu buzima bwa misi yose, aba Scout barondera inzira ibashikana gutunganirwa muri vyose, ivyavuzwe n’uwashinze umuhari w’aba scout.
Umu scout wese ahamagariwe kugira igikorwa ciza co kwitanga igihe cose.

Kubw’ivyo, mu ur’uyu mwaka, barikumwe n’aba guide, barazibuye imiserege yo mu gisagara ca Bujumbura. Harabaye kandi ihimirizwa kubijanye n’abana bapfa bakiri bato. Bazobandanya ico gikorwa ku bitaro vyitiriwe Umuganwa Karori Régent mu buruhuko bwa Pasika.

Ngaha mu Burundi, bazohimbaza uwo munsi, ku munsi w’Imana igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2013 kw’ishure ryisumbuye rya Notre Dame ya Rohero.
Ku munsi wa gatandatu, bazogira igikorwa co kwitanga mu gusukura aho hantu na rirya hasigaye hari n’igituro c’imodoka zunguruza abantu.

Aba scout n’aba guide bose bo kw’isi bahurira hamwe mukumwibuka berekana n’ivyakozwe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.