IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bob Rugurika barizeye agakuru keza inyuma y’amasaha (...)

Ababuranira Bob Rugurika barizeye agakuru keza inyuma y’amasaha 48

lundi 16 Ruhuhuma 2015

Bob Rugurika yumvirijwe na sentare isubiramwo imanza yo mu gisagara ca Bujumbura, akaba yumviririjwe mu ntara ya Muramvya aho apfungiwe.

Muri iyo ntahe uwuserukira Reta akaba yasavye ko Bob Rugurika yotanga umuntu yemanze ko ariwe yishe ababikira batatu, ndetse agatanga n’ihadabu y’amafaranga angana n’imiriyoni 20. Ababuranira umuyobozi wa RPA, bakavuga ko bizeye ko mu masaha 48 bahava baronka inkuru nziza y’irekurwa rya Bob Rugurika, baravye uko bishuye ku bibazo vyagiye bibazwa na sentare isubiramwo imanza yo mu gisagara ca Bujumbura. Umushingwamanza Fabiyano Segatwa asanzwe aburanira Bob Rugurika, akavuga ko naho bosabwa amafaranga y’ingwati boyatanga, kuko bizeye ko uwo baburanira azotsinda maze bakayasubizwa.

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike nka FOCODE, OLUCOME, ACAT, FORSC n’ayandi akaba yari yagiye kumushigikira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.