IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira PC Mbonimpa basaba ko urubanza rw’uwabo rwoburanishwa mu ntahe (...)

Ababuranira PC Mbonimpa basaba ko urubanza rw’uwabo rwoburanishwa mu ntahe y’icese

mardi 24 Ruheshi 2014

Umwe mu bashingwamanza baburanira Petero Karaveri Mbonimpa asaba ubutungane bw’Uburundi gushira urubanza rw’uwo aburanira mu ntahe y’icese, kugira ivyemezo vy’ivyo uwabo yavuze bitangwe kuko babifise.

Ku bw’umushingwamanza Armel Niyongere umwe mu baburanira umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH, agasaba umukuru wa sentare nkuru y’igihugu mu gisagara ca Bujumbura, kurungika idosiye y’uwo aburanira muri sentare kugira ivyemezo vy’ivyavuzwe na Mbonimpa bitangwe, kuko uyo mutama w’imyaka 66 arenganywa nk’uko umushingwamanza wiwe abimenyesha. Mwomenya ko Petero Karaveri Mbonimpa ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ahoyafashwe yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu n’uwo muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Amashirahamwe atandukanye yaba ayo ngaha mu Burundi eka na mpuzamakungu, akaba asaba ko uyo mutama asanzwe aharanira agateka kazina muntu yorekurwa, kandi amatohoza akaba ku vyo yashikirije, kugira abagirizwa gutwara urwaruka muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bahanwe, mu gihe bamwe mu bakozi b’urwego rw’igendereza bavuzwe muri ivyo bikorwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Twizere yuko, nkuko umushingwamaza, Armel, asanzwe aburanira mutama Mbonimpa yabisavye ko umukuru wa sentare nkuru y’igihugu mu gisagara ca Buja, ko yorungika iyo dossier ya mutama Mbonimpa, twizere ko agiye kubikora mu kurungika iyo dossier muri sentare. Armel, ico mwomenya kandi mwoza muramenyesha abarundi na makungu nuko Plan yogupfunga uwo mutama Claver yari yarateguwe. Gusa badanya urugamba nkuko ariyo metier yawe. Les sociétes Civiles, ntimucike intege zo kubandanya muharanira agateka kazina muntu. Du reste urya mutama Mbonimpa, imana iramubona mu vyiza yakoreye abarundi n’igihugu. Reka turindire. Wait and see.

  • Yoooo ndabumviye ikigongwe kuko urya mutama ntiyimirije gutaha harya yarafaditse wangu yahora akina imikino y’abana ubu yakinye n’abakuze badakinishwa!!

  • IGIHE COKUBIHANGANIRA CARAHEZE!!!!!!! UWUBUZE UWOBAKINA AKINA........................!!!!!!!! MBABAJWE NUMUHABARA WIWE ASONZEYE I BUVIRA, NAYOWE ARAFISE ABAMUGEMURIRA.

  • kudahanibwa birwiza imisega mazemukwanaga zigashinyika mazentizibe zikigira icozitinya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.