IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaforoma basubiye ku kazi inyuma y’indwi 3 bari muri yegereyegere

Abaforoma basubiye ku kazi inyuma y’indwi 3 bari muri yegereyegere

dimanche 23 Kigarama 2012

Iyo ngingo yafatiwe mu nama idasanzwe y’urwego rukuru rwa sendika SYNAPA y’abaforoma kuri uyu wa gatandatu italike 22 Kigarama 2012. Bumvikanye gusubira ku kazi mu kiringo c’indwi 3 gusa kugira ngo barabe ko Reta yokwemera ibiganiro.

Ntikwabaye uguhagarika yegereyegere burundu ahubwo abaforoma babaye barabangira mu kiringo c’indwi 3. Melance Hakizimana arongoye sendika SYNAPA y’abaforoma avuga ko ari akaryo ko kwereka Reta ko bashaka ibiganiro hanyuma nayo itere intambwe. Kuri uyu wa mbere italike 24 Kigarama abaforoma bose ngo bazotonda ku kukazi.

Uwo arongoye SYNAPA yabivuze kuri uyu wa gatandatu inyuma y’inama idasanzwe y’urwego rukuru rw’iyo sendika y’abaforoma. Umukuru w’igihugu n’abashikiranganji begwa nico kibazo bari bateye ubwoba abaforoma ko badasubiye ku kazi bazoca bahanwa, ariko SYNAPA ivuga ko itatinye ibihano.

Naho biri uko sendika SYNAPA imenyesha ko hamwe ibiganiro bitotangura mu mundwi 3, ngo ihagarikwa ry’akazi rizoca risubira gutangura. Melance Hakizimana avuga kandi ko hamwe Reta yohana umukozi n’umwe bivanye n’iryo hagarikwa ry’akazi naho nyene ngo bazoca basubira guhagarika akazi.

Biramenyerewe ko abakozi bahagaritse akazi, Reta ica ifata imishahara y’abo. Bamwe n’abandi bakibaza ko abaforoma bashobora kuba batinye kudahembwa imishahara y’ukwezi kwa Kigarama.

Abaforoma bari bamaze indwi zirenga 3 bahagaritse akazi, basaba uturusho two ku mishahara hamwe no kunganisha imishahara mu bakozi bose ba Reta. Abarwayi bari bahasinzikariye kuko abaforoma bari bahagaritse n’imirimo ibayabaye yo kwakira indembe kuva ku munsi wa kane.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.