IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaforoma bo kuri Roi khaled basaba ko amategeko abagenga yokwigwa (...)

Abaforoma bo kuri Roi khaled basaba ko amategeko abagenga yokwigwa neza

lundi 17 Ruheshi 2013

Abahurikiye muma sendika y’abaganga SYNAPA na SNTS barafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyari bimaze imisi mu rwego rw’ubuhinga rutegura kwiga amategeko azogenga ibitaro vyitiriwe umwami Khaled vyo mu Kamenge, kuva kw’igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013. Bikaba vyamenyeshejwe uno munsi igenekerezo rya 17 Ruheshi 2013, mu kiganiro cari cahawe abanditsi n’abamanyeshamakuru.

Urwandiko rusohora iyo ngingo rwandikiwe umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, aho abahurikiye muri ayo ma sendika bo ku bitaro vyitiwe umwami Khaled basaba gusigurirwa igituma ivyo ibitaro vyahora vyegukiye kaminuza y’uburundi, haciye imyaka 29, bavyimuriye mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Abahurikiye muri SYNAPA na SNTS bari baragize inama mu ntumbero yo kuraba aho ibikorwa bigeze vy’urwego rw’ubuhinga rutegura kwiga amategeko azogenga ibitaro vyitiriwe umwami Khaled. Urwo rwego rukaba rugizwe n’abahanuzi 5 bo mu bushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, umuhanuzi muvy’amategeko mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu, icegera w’uwurongoye igisata c’ubuvuzi muri kaminuza y’Uburundi, umuhanuzi muvy’amategeko kuri CHUK, uwaserukiye SYNAPA kuri CHUK n’uwuserukira SNTS kuri ivyo bitaro nyene.

Muri iyo nama, abarongoye ayo masendika uko ari abiri baserukira urwo rwego barasiguye intango y’ibikorwa vy’urwo rwego ko kwari kugira bige ingaruka zoshika mu gihe bokurwa mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bahora begukira kuva mu mwaka w’1984, bakimurirwa ubu mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Abari muri urwo rwego, bakaba batumva ukungene ingingo nk’iyo ishobora gufatwa batabagirishije inama.

Abahurikiye muri SYNAPA na SNTS bakaba bafise amakenga atari make kuko, mu gihe bokwimurwa mu bundi bushikiranganji, ntibabona kazoza k’abanyeshure bahora baza gushira mu ngiro ivyo bize kuri ivyo bitaro, eka mbere nta karusho babona ku bakozi b’ivyo bitaro bazoronka.

Bagasaba rero umushikiranganji w’inyigisho ya kaminuza n’ubushakashatsi ko yobasabira urwego nshingwantwaro ko bokwiga bongere batomore amageko azobagenga n’uturusho bazoronka mu gihe bokwimugwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Bakabazwa n’ukungene kuva mu mwaka w’2007 iryo tegeko ritarigwa kandi n’ukungene uwurongoye kaminuza y’Uburundi ataco abivugako mu gihe ivyo bitaro vyegukira kaminuza y’Uburundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.