IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagenywe guserukira Uburundi mu makungu basabwe kwitwararika amatungo ya (...)

Abagenywe guserukira Uburundi mu makungu basabwe kwitwararika amatungo ya Leta

mardi 24 Nyakanga 2013

Inyuma yaho hagenewe abayobozi bashasha mu bisata bitandukanye vyo mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe n’abazoja guserukira Uburundi mu makungu co kimwe n’abahanuzi babo, umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yuguruye ibikorwa vy’urwo ruganda ruzomara iminsi ine.

Mw’ijambo ry’ukwugurura uruganda kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 24 Nyakanga uyu mwaka, Anicet Niyongabo, umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko urwo ruganda rushitse inyuma y’amayinga ane gusa abo bashingantahe n’abapfasoni bagenywe mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu. Anicet Niyongabo akaba yamenyesheje ko ivyo bikorwa abo bashasha barimwo, biri mu bikorwa vya Leta vyo gukarihiriza ubwenge abakozi bayo.

Umuyobozi mw’ishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yasavye abo bayobozi bashasha n’abazoja gkora mu buserukizi bw’Uburundi mu makungu, gukurikirana neza inyigisho n’ukuzorangura neza amabanga mashasha bagenywemwo mu kwisunga umugambi wa Leta wo gutsimbataza intwaro ibereye n’ugutuza igiturire mu bisata vyose vy’ubuzi. Akaba yabandanije asaba abazotanga inyigisho ko bokwitwararuka cane ico kibazo co gutunganya neza amatungo ya Leta no kutarya ibiturire, ivyo navyo, bikagaragaza neza akarangamutima k’uwuserukira igihugu ciwe mu makungu, ndetse ivyo, bikaba vyasabwe na bashasha baronse ayandi mabanga mu bushikiranganji bw’imigenderanire.

Mu kurangiza, tukaba twobamenyesha ko muri abo bagenywe harimwo umupfasoni Maria Ancila Ntakaburimvo, yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane kuva mu mwaka w’2010 gushika mu mwaka w’2012, akaba azoja guserukira Uburundi i Geneve mu gihugu c’Ubusuisse, aho azoba ajejwe ibibazo vy’ubutungane.

Maria Ancila Ntakaburimvo

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.