Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basomewe urubanza
Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basomewe urubanza
samedi 16 Nzero 2016
Urubanza rw’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, rwarasomwe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2016. Bamwe baciriwe umunyororo,abandi bambikwa izera.
Bose hamwe uko ari 28 bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi,kwica abasirikare n’abapolisi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho,no kwonona no gusambura inyubakwa.
Urubanza rwabo rwaciwe bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abapolisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye,Juvenal Niyungeko batazira Kiroho,Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya,bose baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.
Umurwi wa kabiri,ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel,Capitaine na major baciriwe gupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.
Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abapolisi bato bato,bamwe bari abagendesha imiduga abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa general. Abo baciriwe gupfungwa imyaka 5.
Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo Gen Primw Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano na colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Hagabimana Richard.
Abasomewe urubanza bose bafise iminsi 30 yo kwunguruza.
IGIHE
Messages
16 Nzero 2016, 10:05, par Hamisi Jackson
Abo Bari Bakwiye Guhabwa Igihano Co Gupfa .Guko Abarundi Twariko Turatera Intambwe . .
16 Nzero 2016, 10:46, par FERDINAND
Abobacirewe.Gufumgwa.Ubzimabwabobwos.Mihanganekuko.Abarundibeshiturinyumayanyukugeza.Icomwashaka.Kibaye.Mpereyekunywaka30 Ninkamezi.Atatu.Muzobamwavuyeyo.Abubuzimabwabobwos.Ninkimisi.Itatu.Mpakadushitsekwiterambererirama.Dutegerezwakuronko.Umukuru.Adutwariratwese.Atawanryawangura.Kukotwese.Turibenemugabumwe..Ntangozi.Ntabururi.Ntagitega.Ntabujumbura.....Twese.Turibeneburundi
16 Nzero 2016, 13:18, par FILS
kosora kosara nabandi babonereho akarorero ntantambwe bazotera
16 Nzero 2016, 14:22, par niyonkuru etienne
MUBAREKURE CANKE MUREKE NTAMWAKA BAZOPFUNGWA! AHUBWO NDABAREMESHEJE BASENGE NKURUMBI ATEMBE!
16 Nzero 2016, 14:29, par john
Musabe ikigongwe na sha mubabarigwe nico gisigaye mureke kudadaza,nubundi mwari mwihenze, mwarabonye ko kirimo abagabo ntimuzongere,ntigwitaha,
16 Nzero 2016, 14:47, par Si Nshimye Kwivuga Izina
Nibahanwe Kugira N’abandi Bashaka Guhungabanya Umutekano Babonereho Akarorero Ko Atari Vyiza.
16 Nzero 2016, 15:37, par Bizimana
Nibawunywe
16 Nzero 2016, 15:37, par Bizimana
Nibawunywe
17 Nzero 2016, 09:55, par Kidumu
Ahubwo Nibabicekukonabonabicanyi
17 Nzero 2016, 21:12, par tuyiseng
ahumbwo nimubice canke mubarekure kuko ubu itegeko niribona hasigaye hakora amahera gusa[bi....c]
17 Nzero 2016, 21:14, par tuyiseng
ahumbwo nimubice canke mubarekure kuko ubu itegeko niribona hasigaye hakora amahera gusa[bi....c]
18 Nzero 2016, 03:51, par olivier
Barundi muve muguterana amagambo adakwiye ahubwo mushakane umwete kubana amahoro kuko intambara irasenya nti yubaka!
19 Nzero 2016, 12:20, par umurundi wukuri
turashimiye ubutungane.ahubwo iyo mubamanika abo bamenja atakindi bashaka atari kudusubiza mwihumbi nkirya 93,pole sana mwankozi zikibi mwe!murababwira ati Son exellence P.NKURUNZIZA si umu civile nka NDADAYE mwishe bunyamaswa iyo bibesha bakatubona!ntimukunda abarundi namwebwe nyene ntimwiktnda munanga na famille zanyu.
19 Nzero 2016, 15:24, par Barsrungerera
None amungurs nka niyo maikesha.
19 Nzero 2016, 20:48, par Nzero
Mwakoresheje Ukuri Funga Izombwa
19 Nzero 2016, 21:06, par Nzero
Imana Yubahwe Kubona Batera Akaga Mugihu Mubahashe Kko Igihugu Kiratekanye Ikibabaje Nuko Bacafuje Igihugu Nibawunywe Mucibitoke Turatekanye Kabisa Kiretse Yuko Urwaruka Mudushira Inyuma Muri Bukinanyana Kandi Turibamwe
19 Nzero 2016, 23:19, par Louis Karangwa
Abo basirikare nta neza bashakira igihugu uretse kudusubiza muvyo twarenganye yaba Buyoya canke abandi ba Président bari kunyongwa ariko S.E Nkurunziza yababariye ndakeje Prime Ngowenubusa kuko twaratanguranye urugamba komera ko udaharuwe muri izo nkorabara
19 Nzero 2016, 23:25, par Louis Karangwa
None ko mudasohora iciyumviro canje
21 Nzero 2016, 07:30, par niyibigira
ivyo numva barenganijwe kubera yuko nka cyrille abo yatatse ntanumwe bazanye wumvivyo arivyo
24 Nzero 2016, 06:31, par ONE ONE
AHUBWO MWARI MUKWIY KUBICA GKO BOBO BABONY AMAHRO YAJ BUMVA UMUBABARO KO IMANA YABAS IKABATANGA RAB MUNIG NIHO NABNDI BOTINYA NKURUNZIZA KOMERA!