IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi barengutse ubwa mbere imbere ya (...)

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi barengutse ubwa mbere imbere ya sentare

lundi 14 Kigarama 2015

Abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015,barengutse muri sentare ntahinyuzwa. Baburaniye mu ntara ya Gutega aho basanzwe bapfungiwe.

Uko ari 28 bagirizwa ivyaha bitatu harimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho bakarwanya Reta hamwe no kwica abasirikare,abapolisi n’abanyagihugu hamwe no gusambura no kwonona inyubako nyinshi.

Bose hamwe bavuze ko badashobora kuburana kuko uburyo bapfunzwemwo butubahirije agateka ka zina muntu. Bavuze ko bapfunzwe nk’ibikoko ivyo bakenera vyose babigirira mu cumba bapfungiwemwo,rero ko badashobora kuburana uburyo bapfunzwemwo butarahinduka.

Bavuze ko ataworenguka imbere y’ubutungane atari umuntu baca basaba gusubizwa kuba abantu gutyo babone kuburana.

Abo bagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi basavye kuronswa dosiye y’urubanza y’urubanza kuko bayiheruka mu kwezi kwa Gatanu haheze iminsi mike bahagaritswe.

Mwomenya ko muri abo bagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu kwezi kwa kane harimwo abahoze bafise amabanga akomeye mu gihugu harimwo nka General Cyrille Ndayirukiye yabaye umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe na General Prime Ngorwanubusa yahoze ari umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.