IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi basubiriye kurenguka

Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi basubiriye kurenguka

lundi 11 Ndamukiza 2016, par egide

Abanyororo 21 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi basubiriye kurenguka imbere ya Sentare ntahinyuzwa i Gitega kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2016. Ribaye irigira kabiri barengutse kuva baciriwe imanza.

Urubanza rw’abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ntirwumvirijwe nk’uko vyari bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2016, rukaba rwari rwahawe isango ryo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2016 kubera hari abatari bwaronke umwanya w’ugusoma ivyo bagirizwa, hamwe n’ibirego bitari bikwiye.

Bamwe mu bakurikiranwa, harimwo na Général Cyrille NDAYIRUKIYE yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi, bakaba bari basavye ko bohabwa uburenganzira bw’ukurondera ababafasha kuburana.

Abo bagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bapfungiwe i Gitega, bakaba bagirizwa kandi ko bononye ibikoresho vya Reta, ivy’igisirikare, ivy’igiporisi hamwe n’ivya REMA.

Uwaserukiye Reta mu rubanza rwa mbere rwasomwe akaba atashimye urwo rubanza rwaciwe, ari nakwo guca yunguruza.

Muri urwo rubanza, abo banyororo bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye, Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya, bose baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel, Capitaine na Major baciriwe gupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abaporisi bato bato, bamwe bari abagendesha imiduga abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa General. Abo baciriwe gupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo General Prime Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano, hamwe na Colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Colonel Hagabimana Richard.


IGIHE

Messages

  • Abo Banyacubahiro Bazira Ubusa Bashaka Twebwe Abanyagihugu Turuhuke Intwaro Yigikenye Yakarwi Kuwivye Mandat,ariko Nawe Nyene Ameze Nkupfuzwe,kwari Umugabo Afise Imana Yokumwumba Yiwe Nasohoke Igihugu Turabe.Nyakubahwa Sylile Nabo Murikumwe Tubafata Nka Rwagasore Na Ndadaye.Muhumure Turabasengera Imana Nyamana,atari Imwe Piter Avugako Iba Kumwumba Nomubicu.

  • Izonzirakarengane nimuzirekure zitahire bakura ubutegetsi budahari kugeza nuyumusi birazwiko igihugu cacu cuburundi atazengo kigira kuvahasi gushika hejuru ikindi muburundi ntabutungane bwigenga buhari nirementanya gusa kuko bukorera kugitsure cuwo mwicanyi nkurumbi kuko iyobitaba birabwo bwobanje guhera kuri rumwe baribaramuciriye bukarwubahiriza nimurekure izontwari zitahire kuko barerekanye Ko badashira amaronko imbere ariko bashira imbere inyungu zigihugu

  • Mana umbabarire iyombonye izomburakimzi zagovye guta igihugu mumanga ndaseseeenmwa kugezanaho......barikutwereka ibiziga vyabo hama bikasigurwa ko baguye kurugamba.....nizereko uyuyiyise karorero hama agahayagiza izonjavyi sumwe karorero tuzi kuko urya numurundi wumutima ntiyokeza basindumuja.......

  • Nukuri iyo Coop d’Etat ikunda tuba dufise amahoro menshi. Birababaje kubona bitakunze. Sinkunda coup d’Etat ariko iyo ishoboka yarikuba ari intsinzi kuburundi. None raba ivyakurikiye Darius yaciye yica urwaruka. Urundi aruboreza igufa. Abandi ategeka kubagaburira amavyi nkuko yari kora mwishamba. Ibinogo rusangi ubu niwomutahe waba dd. Kwica, kwiba, gusinzikaza ubuzima bwakiremwa muntu biba ingendo yabo. Phase ya kabiri niyo kwica ex-fabriken kandi igikorwa bakigejeje kure. Ariko imanga ntimarira Imana. Aho gukora bazinduka gutuka upp Rwanda kk ntakindi bashoboye. Stop genocide des minoritet par la machine dd

  • ahubwo bagiz’Imana bakuye igihano cogupfa ubu baba bari mwivu izontozo zishaka kurya ivyobatabivy nkurunziza turamushigikiye yirambire maze abansibigihugu temba ,urazi igihe cakudeta ivyononekaye?amatara yokumabarabara bivye inkoho bariba barica abapolice abasoda baraturira abantu mumapine gutwika amazu,imiduga,amamoto,amakinga ahubwo uryamusi wa le14/05/2016 bafatwa yabarije nabafashe imba narabahereje aho nyene bakoze ivyo nashetani adakora !!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.