IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa urupfu Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA barengutse muri (...)

Abagirizwa urupfu Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA barengutse muri sentare

mardi 2 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu umunani bapfunzwe bagirizwa urupfu rwa Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yarengutse ubwa mbere imbere y’ubutungane kuri uwu wa mbere, muri sentare ya Gitega.

Bari kumwe n’ababafasha kuburana, basavye ko bohabwa umwanya kugira bige neza ibiri muri dosiye y’ivyo bagirizwa, urwo rubanza rukaba rwaciye rushirwa ku rindi sango ritamenyeshejwe.

Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 2 Myandagaro 2016, umwaka umwe uramumanye neza Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza mu Burundi yitavye Imana ahitanwe n’igitero c’abantu bamutegereye ageze kw’ibarabara RN1, hafi y’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled.

JPEG - 65.1 ko
Umwaka uraheze Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe

Inyuma y’indwi imwe gusa Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA agandaguwe, umushikirizamanza kizigenza wa Republika Valentin Bagorikunda yamenyesheje ko abakoze ico gitero cahitanye iyo ntwazangabo kuw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015, mu Kamenge, bamaze kumenyekana.

Mw’itangazo yashikirije, Valentin Bagorikunda yavuze ko abamugandaguye bamaze gufatwa, ariko ko ababatumye bakiriko bararonderwa.

JPEG - 61.2 ko
Imodoka yarimwo Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA yarashwe amasasu menshi

Muri iryo tangazo, umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko imodoka yakoreshejwe muri ubwo bwicanyi yavuye mw’ikambi y’abasirikare yo mu Ngagara, ariko ko bahejeje kuyikoresha muri ubwo bwicanyi baciye baja kuyituririra ku Musaga.

Tubibutse ko mw’ijambo yashikirije kuri uwo munsi nyene, inyuma y’amasaha make Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye Imana ko yoja imbere abakora amatohoza, kugira abakoze ubwo bwicanyi batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize ati : "Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane."

Abakunzi b’umuhisi Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA bateguye kuri uwu wa kabiri urugendo rw’ukumwibuka, bakaba mbere bashize ingori z’amashurwe mu kibanza iyo ntwazangabo yiciwemwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.