IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA bumvirijwe n’ubutungane

Abagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA bumvirijwe n’ubutungane

vendredi 29 Ndamukiza 2016, par egide

Abasirikare bane baheruka gutabwa muri yompi bagirizwa urupfu rwa Général Athanase KARARUZA barengutse mu butungane kuri uwu wa mbere. Abo basirikare uko ari bane bose bari kw’ipete rya Caporal.

Abo bamvirijwe n’ubutungane ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.

JPEG - 69 ko
Imodoka yari yunguruje General Athanase KARARUZA

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, Valentin BAGORIKUNDA yasohoye kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko amatohoza abandanya kugira abakoze ubwo bwicanyi, hamwe n’ababuteguye batabwe muri yompi.

Caporal Roger Gateretse hamwe na Caporal Prosper Nikoyagize bahora bacunga umutekano ku rugo rwa Général Fabien Nzisabira, yashinzwe amabanga mu gihugu c’Ububirigi (attaché militaire). Urwo rugo narwo rukaba ruri muri karitiye ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, ari naho abo basirikare babiri bafatiwe.

Tubibutse ko kuri uwu wa mbere, inyuma y’urupfu rwa Général KARARUZA Athanase, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’indwi imwe gusa kugira inzego z’umutekano zizobe zafashe kandi zashikirije ubutungane abagandaguye iyo ntwazangabo y’igisirikare c’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ati : « Turasaba dushimitse, twicishije bugufi, ko Imana yotuja imbere, kugira abakoze ako kabi kabishe batabwe muri yompi, bongere bahanwe mu maguru masha, hakurikijwe amategeko. Dusavye inzego z’umutekano ko mu kiringo kitarenze indwi imwe gusa abo babisha boba bamenyekanye, bafatwe kandi barengutswe imbere y’ubutungane. »


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.