IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umugwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe bamenyekanye

Abagize umugwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe bamenyekanye

mercredi 3 Kigarama 2014

Inyuma y’umwidondoro ya bamwe mirongo itatu na batatu batogwa n’umugwi wari ujejwe gusesangura amadosiye y’abari basavye kuja muri uwo mugwi, abashingamateka baciye batoramwo cumi n’umwe (11). Imbere y’uko batora, umushingamateka w’umutwa Alfred Ahingejeje, yari yamaze gusokora idosiye yiwe.

Abatowe kuja mu mugwi wo kumenya ukuri n’ugusubiza hamwe (CVR) akaba ari : Umushingamateka Liberate Nicayenzi, yatowe ku majwi 84 kuri 88 y’abari bitavye mu mana y’amakoraniro yo mu Kigobe, Munseyeri Bernard Ntahoturi ku majwi 83, Musenyeri Jean Louis Nahimana ku majwi 83, umushikiranganji Clotilde Niragira ku majwi 82, Sheikh Ali Shabani ku majwi 82, Musenyeri Antoine Pierre Madaraga ku majwi 81, Musenyeri Onesphore Nzigo ku majwi 80, umushingamateka Didace Kiganahe ku majwi 79, Pascasie Nkinahamira ku majwi 77, Patiri Désiré Yamuremye ku majwi 77, hamwe na Clotilde Bizimana ku majwi 76.

JPEG - 66.4 ko
Musenyeri Jean Louis Nahimana

Alida Sabiteka

Messages

  • Jewe nk,umukristu wo mukatolika ndumva ko abo bihebeye Imana batoja muriyo mirwi kuko bashitseyo baradutirimutsa bidasanzwe ivyo bakora usanga bitabonwa kumwe nabose akarorero kahafi nabari muma CECI na CEPI imvugo zabo zidatandukanye n,imvugo yareta.Ntibibagire igikorwa Yezu yabahaye.murakoze

  • Ntivyiza harko ntibahenkamiye uruhande tarabazi abihebeyi imana basa nkabashaka kuja mubyapotitike

  • Abobakozi b,imana basubiri mugitabo c,imana cera, bazirikane kumajambo intumwa Paulo yandikiye abaromani, mugice 12:1-3, ikindi cokuzirikana gikwiye kumenywa nawariwe wese, ntamuntu azwikwizina ryumukozi w,imana yasizwe ashobora guhabwa igikogwa kinyuranye nicimana yabashiriyeho. abaheburayo 5:1-3, nimba naho uwomugwi aruwo gusabirimbabazi nugusubiza hamwe vyonyene ntibari kubavanga nabobandi ! nukuvuga abobandi basanzwe arabakozi b,imana. ikindi nsaba nuko bobahereza akaryo kokutumenyesha umwumwe uko azorangura ayomabanga, nindahiro bazebazishireko.

  • jewe ndanezerewe cane kubera haje abakijijwe ngira nibo batahengama;turindiranye igishika ibizobavamwo

  • Basha reka twizere muga ntibabemerere ama etage bace bahengama ,,inda ntiraba agakiza ahubwo abagutse nabakorera Imana ugiye kubiraba nibo bapanutse amada ..........ntacizere dufise

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.