IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka bemeje integuro y’itegeko rigenga umurwi w’ukuri (...)

Abakenguzamateka bemeje integuro y’itegeko rigenga umurwi w’ukuri n’ukunywanisha abarundi

mardi 29 Ndamukiza 2014

Inama nkenguzamateka yaremeje ku munsi w’ejo kuwa mbere integuro y’itegeko rigenga umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi. Abakenguzamateka mirongo itatu na batanu kuri mirongo itatu n’indwi bari mu nama nkenguzamateka nibo bemeje iyo nteguro.

Iyo nteguro y’itegeko rigenga umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi utegekanya ko hazokorwa amatohoza, amabi yakozwe mu Burundi amenyekane, ariko abazokwagirwa bakaba batazoshikirizwa mu butungane. Abakenguzamateka barashikirije amakenga yabo mu kibazo c’ukuri kuzomenyekana, ariko ubutungane ntibukore, ivyo navyo bigasa nk’ukubwiriza abakorewe ivyaha gutanga ikigongwe ku nguvu. Ayandi makenga n’ay’uko amazina y’abazoba bakoze ivyaha atazoshirwa ku mugaragaro. Clotilde Niragira, umushikiranganji ajejwe ugufatana mu nda yamenyesheje ko amazina y’abakoze ivyaha atazovugwa kubw’amasezerano mpuzamakungu yoba arenzweko.

Abakenguzamateka baremeje iyo nteguro y’itegeko rigenga umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha ukuri n’ukunywanisha abarundi. Ku bakenguzamateka 37 bari mu nama nkenguzamateka, 35 baremeje iyo nteguro, Umwe (Emmanuel Nkengurutse) wo mu mugambwe UPRONA akaba atayitoye, hamwe na Pontien Niyongabo, icegera ca kabiri ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, nawe nyene akomoka mu mugambwe UPRONA atashimye kugira ico avuze kuri iyo nteguro y’itegeko.

Kuri uwo munsi nyene, abakenguzamateka baciye bemeza izina rya buramatari mushasha w’intara ya Mwaro. Gérard Maryogo wo mu mugambwe UPRONA avuka muri komine Bisoro yahora ari umuhanuzi ajejwe inkino n’imico kama mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, niwe yahawe ayo mabanga yo kuba buramatari w’intara ya Mwaro. Asubiriye mu kibanza ca Polidor Ndayirorere. Amakuru ava mu ntara ya Mwaro amenyesha ko uwo yahora arongoye intara ya Mwaro akombowe inyuma y’aho atabonekeye mu bikorwa rusangi biheruka kubera mu ntara ya Mwaro, vyari vyitabwe na Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ahonibagombe bareke gutumwanya ngoharivyabariguko?kudahanimbwa kurwiza imisega nibagombe bareke ivyobintu ntibize biduze iyindintambara niyoturimwo itararangira kuki batohanwa birazi karukwikingira kwa peter aivyagiravyose naryamenga abarundi bosse barazi koyaciriwe urubanza rwogupfa ahorero nakikirize acishahiryanohino ibinti birahinduka kazim nibwirizwashingire ryamunaniye guhindura ivyovyo ntacobimaze

  • abakenguzamateka namba barwaye mumutwe kuki uwivye igitoke ahanwa? hama uwishe ntazohanwe?wumva arubwenge bafise canke nubujuju ngo baraduserukira ekaye igihugu kitagirubutungane kibacarapfuye sinumva kandi sintahura icobamaze kwemeza itegekonkiryo.

  • Nibatore ncanke bareke kuko igihe kirihafi (Hutu et Tutsi )bazi kobishe bazocirigwa imaza vyanka bikunda .Ivyo navyo aba DD bibaza ko zitazicimbwa nukwihenda ,gerageza mube murasubiramwo impiba muzojeyo ariheza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.