IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakobwa babiri bavukana bibutse igihugu c’amavukiro

Abakobwa babiri bavukana bibutse igihugu c’amavukiro

samedi 26 Nzero 2013

Erica na Emmanuelle ni abakobwa babiri bavukana babuze umuvyeyi wabo mu buryo bubabaje.Baciye baja kuba mu gihugu c’u Bubirigi,ariko baragarutse m’u Burundi kubandanya igikorwa catangujwe na se wabo.

Umwe yari afise imyaka 14 uwundi yari afise imyaka 10 igihe umuvyeyi wabo Philippe Rurashitse yari ajejwe ivyo ubutunzi m’ubushikiranganji bw’imigenderanire yitaba Imana.

«Hari kw’igenekerezo rya 15 Rusama umwaka w’1996,igihe bari bashavuye bafata ingingo yo guhungira mu gihugu c’u Bubirigi.U Burundi bwarantwaye ibihe vy’ubwana,kuko twakuze turi kure y’umuryango n’abagenzi.» Ivyo vyashikirijwe na Emmanuelle.

JPEG - 48.2 ko

Mu mwaka w’2014,abo banyeshure bahoze biga kw’ishure ryisumbuye rya komine Burambi,ishure ryari ryatangujwe n’umuvyeyi wabo,baciye barondera infashanyo kugira batanguze isomer ry’ibitabo.Nk’uko babivuga ngo vyari bikenewe ko igikorwa catanguwe n’umuvyeyi wabo bakibandanya,nayo ngo abavyeyi babo bamye babigisha gukunda igihugu c’amavukiro.

Mu mwaka w’2005,abo bakobwa barashoboye kuzanana n’abagenzi babo bo mu gihugu c’u Bubirigi bashika I Burambi bazanye ibitabo vyo gusoma,kazinduzi n’ibindi.Ubu iryo shuri rifise itoni 9 z’ibitabo hamwe n’imashini ordinateur 12.

Inyuma y’imyaka itandatu rero iryo somero ryuguruwe,ibitabo birenga 80 kw’ijana vyaribwe bikaba bikoreshwa mu mazu yo kudandarizamwo iyo bagomba gutekerera abaje kugura mu gihe vyategerezwa gukoreshwa mu kwugururira abanyeshure kumenya ibibera mw’isi.

Kubwo abo bakobwa babiri,ngo gutanga igitabo ni gutanga kazoza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.