IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi b’umurwi CENI bakwiye mu gihugu cose bandika abazitaba (...)

Abakozi b’umurwi CENI bakwiye mu gihugu cose bandika abazitaba amatora

mardi 17 Ruheshi 2014

Abakozi b’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora bariko barakwiragira amakomine yose yo mu Burundi, mu ntumbero yo gutororokanya ibibanza abanyagihugu bakwije ibisabwa n’amategeko bazokwiyandikishirizamwo, kugira bashobore kwitaba amatora yo mu mwaka w’2015.

Kuva kuri uwu wa 16 Ruheshi gushika ku wa 27 Ruheshi 2014, abakozi b’umurwi CENI bakaba bariko barakora ico gikorwa co gutororokanya ibibanza bizokoreshwa mu kwandika abazotora, mu nyuma hakazoheza hakurikira ibikorwa vyo kwandika abazotora. Bahejeje gutororokanya ibiranga umuntu, abo bakozi b’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora, bazoheza bavyandike ku buhinga bwa none. Intonde z’abatora n’ibibanza bazotoreramwo navyo bimaze kumenyekana, CENI ikazoheza igatanga amakarata y’itora.

Mukamenya ko mu murwi CENI bahamagarira abarundi bakwije imyaka yo gutora gutangura kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, mu kurondera hakiri kare ibisabwa n’amategeko nk’ikarata karangamuntu kuko uwutayifise atazotora. Amatora nayo, akaba ategekanywa kuzoba hagati y’ukwezi kwa Rusama na Nyakanga mu 2015.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.