IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi ba Leta bahagarika akazi bagabishijwe

Abakozi ba Leta bahagarika akazi bagabishijwe

lundi 26 Myandagaro 2013

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aragabisha abakozi ba Leta ko abazogira yegereyegere batisunze amategeko azigenga ko bashobora kuzokurwa mu kazi, bakirukanwa burundu.

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu kuri uno munsi kuwa 26 Myandagaro yibuka imyaka itatu ihaciye abarundi basubiriye kurongorwa n’inzego zivuye mu matora, Petero Nkurunziza yamenyesheje abakozi ba Leta ko n’aho babirekuriwe n’amategeko, ko batogira ingendo gukora amayegereyegere kuko bazokwirukanwa mu kazi. “Turasubiriye kugabisha abozigira batisunze amategeko azigenga, ko tutazokwihanganira kubakura mu kazi tukabasubiriza abagashaka, na burya ari benshi bakarindiriye, kandi tukazoba tubikoze ku neza y’abanyagihugu. Ikibwirwa rero ni icumva, ntihaze habe “iyo menya”, nayo yama iza yaratevye.”

JPEG - 41 ko
Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi

Mu gihe n’aho hacibonekeza ubukene muvy’ubutunzi bw’igihugu, umukuru w’igihugu araremesha ko ejo ari heza. Petero Nkurunziza yamenyesheje ko igisata c’uburimyi n’ubworozi gisanzwe kiza imbere ya vyose mu butunzi bw’igihugu, kigiye gutezwa imbere. “Tugiye kuraba ingene hotunganwa vuba inama rukokoma, kugira hirwe ingene hogwizwa umwimbu n’ingene ivyimbuwe vyohingurwa, bikabikwa, tugashobora no kubishora mu makungu ata kwicura ko vyohava vyononekara.”

Twobibutsa ko hahimbajwe iyo myaka itatu umukuru w’igihugu atanguye amabanga yiwe, mu gihe bamwe mu bahiganwa mu matora bari bahunze igihugu “ku mvo z’umutekano” ubu bakaba bariko baragaruka gutegura ayimirije mu mwaka w’2015.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.