IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi bahurikiye muri sendika STENS bamenyesha ko babandanya (...)

Abakozi bahurikiye muri sendika STENS bamenyesha ko babandanya yegereyegere

vendredi 11 Nzero 2013

Abakozi bakora kw’ishure kaminuza nderabigisha ENS bahurikiye muri sendika STENS bavuga ko batarota basubira ku mirimo yabo inyuma y’akamo batewe n’abarongoye iryo shure ngo basubire ku kazi.

Iyo sendika yaratunganije ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Nzero umwaka wa 2013 aho icegera c’uwurongoye iyo sendika Fréderic Ngezahayo yamenyesheje yuko ahubwo ko icihutirwa ari ibiganiro.

Mwomenya ko abo bakozi b’ishure kaminuza nderabigisha ENS bari muri yegereyegere kuva igenekerezo rya 27 Kigarama umwaka wa 2012, bakaba basaba ko amategeko agenga iryo shure yokurikizwa basaba kandi no kuronswa ibirarane vyabo vyo kuva mu mwaka wa 2003 gushika mu mwaka wa 2010.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.