IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bagize urugendo rwo gusaba irekurwa rya mugenzi wabo (...)

Abamenyeshamakuru bagize urugendo rwo gusaba irekurwa rya mugenzi wabo Ruvakuki

mardi 15 Nzero 2013

Abamenyeshamakuru bo mu Burundi bagize urugendo batekanye kuri uyu wa kabiri iruhande y’ingoro y’ubutungane n’ibiro vy’umushikiranganji w’ubutungane. Bamenyesha ko bashatse kwerekana ko biyamirije igihano co gufungwa imyaka 3 caciriwe umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI na Bonesha FM.

Isaha zibiri n’iminota cumi, abamenyeshamakuru bo mu maradiyo n’ibinyamakuru vyo mu Burundi bari bamaze kwiyegeranya ku kibuga c’umupira w’amaboko citiriwe Parquet hagati mu gisagara ca Bujumbura. Isaha zibiri n’iminota cumi n’itanu urugendo rwari rutanguye.

Urugendo rwabaye mu mutekano ntangere, ata nduru, abamenyeshamakuru baganira bukebuke. Nta vyandiko bari bafise.

Batonze umurongo bavuye ku kibuga c’umupira w’amaguru, abapolisi barababuza kwinjira mu ngoro y’ubutungane. Barongowe n’abayobozi b’amaradiyo n’ibinyamakuru baciye bakebanuka, baca imbere y’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, batumbera ibanki nkuru y’igihugu BRB. Inyuma y’aho, baciye batumbera ibiro vy’umushikiranganji w’ubutungane. Bashatse kuhahagarara ariko abapolisi baca baraza.
Abamenyeshamakuru baciye berekeza ku kibuga aho bari batanguriye urugendo.

Nabajije abo bamenyeshamakuru icatumye bazindukira muri urwo rugendo. Umwe ati ‘’Jewe naje muri uru rugendo kugira nerekane ko nababajwe n’igihano co gufungwa imyaka 3 caciriwe Hassan Ruvakuki. N’ukuri birateye isoni kubona mugenzi wacu avundira mu munyororo, jewe vyantumye nca nza muri uru rugendo kugira duce imbere y ‘ibiro vy’umushikiranganji w’ubutungane abone ko dushavuye.’’

Uwundi nawe yambwiye ati ‘’N’ukuri jewe nitavye akamo ko kwiyamiriza ubutungane buhengamye kuri mugenzi wacu Hassan Ruvakuki. Narumvise ko yaciriwe imyaka itatu yo gufungwa, ariko ntaco azira, yakoze akazi kiwe ko kurondera amakuru. Dusavye ko yorekurwa ubutarariye agasubira ku kazi kiwe.’’

Uwundi mumenyeshamakuru w’umukenyezi yambwiye ati’’Ubutungane bwarahengamye. Dushatse kuvyereka abarundi n’amakungu. Tweretse kandi Ruvakuki ko tumushigikiye aho afungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya.’’

Bari barongowe n’abayobozi b’amaradiyo Bonesha FM, TV Renaissance,Ikinyamakuru Net Press, abarongoye ibisata bitandukanye mu mararadiyo RPA, Isanganiro hamwe n’ibindi binyamakuru.

Akamo ko guhamagara abamenyeshamakuru kugira bagire urugendo mu mutekano katewe n’amashirahamwe y’amaradiyo n’abamenyeshamakuru yo mu Burundi.

Patrick Nduwimana icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’amaradiyo ABR miwe yashikirije ijambo ry’urwo rugendo. Avuga ati’’Dushaka ubutungane bwubahiriza Hassan Ruvakuki, ubutungane budahengamye. Yazize ubusa kuko yakoze akazi kiwe aho yaha ijambo uwari yatangaje ko agiye kurwanya Reta y’u Burundi ari muri Tanzaniya.’’

Patrick Nduwimana yamenyesheje kandi ko urwo rugendo rw’abamenyeshamakuru rwari rugamije kwiyamiriza ingene ubutungane buremerwa n’ubutegetsi. Agira ati’’Bisigaye bibabaje. Igipolisi canke abategetsi basigaye babwira abacamenca ingingo bafata ku bantu aba canke bariya. Nk’akarorero muri irya dosiye ya Ruvakuki, harimwo abantu bariko bazira imigambwe barimwo kuko itavuga rumwe na Reta. Bazira ivyiyumviro vyabo gusa ntakindi.’’

Amashirahamwe y’amaradiyo n’abamenyeshamakuru avuga ko urwo rugendo ari intango kuko ngo hari n’ibindi bikorwa biteguwe mu minsi iri imbere mu ntumbero yo gusaba ko umumenyeshamakuru Hassan Ruvakuki akorera iradiyo y’abafaransa RFI n’iradiyo Bonesha FM mu gisata c’igiswahili yorekurwa.

Sentare isubiramwo imanza y ‘i Gitega iheruka gucira Hassan Ruvakuki igihano co gufungwa imyaka itatu, yagiriwe n’icaha co kwifatanya n’umugwi w’inkozi z’ikibi zica abanyagihugu wavukiye muri Tanzaniya. Imbere y’uko yunguruza urubanza, sentare y’intara ya Cankuzo yari yamukatiye igihano co gufungwa ubuzima bwiwe bwose yagirizwa gukorana n’imigwi y’iterabwoba.

Abamuburanira barandikiye ikete umushikiranganji w ‘ubutungane bamusaba ko yofungura Ruvakuki kuko yamaze kurenza ica kane c’igihano yakatiwe. Umushikirizamanza w’i Gitega ariwe amwagiriza nawe yaciye yunguruza urubanza.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.