IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Inyabwonko > Abantu bakoresha inyabwonko barageramirwa n’amaso

Abantu bakoresha inyabwonko barageramirwa n’amaso

mardi 7 Rusama 2013

Hari ubuzi bwishi busabwa gukorerwa ku nyabwonko gusa, ugasanga ninawo murimo wa minsi yose, bitonakunda ko umuntu ahindura uwo murimo.

Abageramirwa cane ni nk’abo bita aba “informaticien”, abanyamabanga kuko bisabwa ko baguma bandika ivyavuzwe, eka n’abandi bisabwa ko bakoresha izo nyabwonko mu kurangura imirimo yabo ya minsi yose.

Amaso ni ngira kamaro ku muntu wese, ari naco gituma dukwiye kuyakingira kugira twirinde indwara z’ubuhumyi. Bikaba bishikirizwa na More Sharing Services.

Rimwe rimwe, iyo umuntu yakoze cane agakorera kuri izo nyabwonko gushika mw’ijoro cane, amaso araruha cane, kuko ata nguvu aba agifise. Ivyo bikava ku mitsi ijana amaraso mu maso iba itagishoboye gukora neza kuko iba yarushe.

Kimwe muvyoshobora kuzanira inyishu iyo ngorane y’amaso, ni kugira imyimenyerezo ya minsi yose ijanye n’amaso.
Uti mbega iyo myimenyerezo yo ijanye n’amaso ni nk’iyihe?

Namba mufise ingorane y’amaso, ikintu ca mbere co gukora ni kuja kwa muganga ajejwe ivy’amaso canke uwundi muganga yabinonosoye. Kuri uwo yabinonosoye bita umu “orthoptitse”,mu gifaransa, azobereka imyimenyerezo itari mike ku bijanye no gukosora amaso. Intumbero yo kugira iyo myimenyerezo, ni kugira imitsi yo mu maso ikomere, mukuyimenyereza kubona ibiri kure, kugira ikorere munsi yaho inkomezi zanyu zigera.

Imwe muri iyo myimenyerezo, ni iyo gukurikira umuco w’itara urabishije nk’ijisho rimwe, hama ugaca uraba n’amaso yose. Uwo mwimenyerezo ugashobora kumara nk’iminota igera kuri 15.

Ubundi buryo bwo gukingira amaso:

Kugira dukingire amaso yacu mu gihe twakoreye ku nyabwonko umwanya muremure, vyiza n’ukurabisha amaja hasi, ikiyo c’iyo nyabwonko bita “ecran”, mu gifaransa, ku santimetero 50 ziri musi ya mirongo itanu, hagati y’ijisho n’ikiyo c’iyo nyabwonko.

Kugira yoga:

Nayo n’umwimyerezo mwiza. Intumbero yayo ni ukugorora imitsi kugira ihagarike ivyoshobora gutera indwaray’uruhumyi.

Iyindi mpanuro ishobora kugirira neza amaso niyo kuza urakanura, usinzira, urabisha amaso hirya no hino, ukanareka kuguma urabisha amaso ahantu hamwe. Iyo mpanuro nayo ikaba yerekeye cane abo bakorera ku mashini y’inyabwonko, umwanya muremure.

Ku bushakashatsi bwokozwe n’abahinga babinonosoye, amakaroti ni umuti ukomeye ku maso. Ayo makaroti arimwo vitamine A, amaso asanzwe akeneye kugira abone neza. Ikindi naco ikaroti ziroza amaso, bagahanura ko umuntu yoza arafungura kenshi amakaroti kuko atoza amaso gusa, ariko avura ingwara nyinshi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.