IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu 1446 barasubije amatongo umurwi CNTB utarinze gufata (...)

Abanyagihugu 1446 barasubije amatongo umurwi CNTB utarinze gufata ingingo

lundi 23 Kigarama 2013

Mu murwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission National des Terres et autres Biens) bamenyesha ko abanyagihugu batanguye kwizera ibikorwa vy’uwo murwi hamwe n’ukwemera gusubiza hamwe ku bushake bwabo, bagasubiza amatongo canke ayandi matunga bafise atabegukira.

Ingingo ya 13 y’amasezerano mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu irategekanya ko impunzi zose n’abateshejwe izabo bagarutse mu gihugu bafise uburenganzira bwo gusubizwa ivyo banyazwe, canke batabisubijwe naho bakaronswa inshumbusho zikwiriranye n’ivyo baba batasubijwe. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umukuru w’umurwi CNTB, Musenyeri Serapiyo Bambonaniye yashikirije ivyaranguwe n’uwo murwi w’igihugu muri uwu mwaka w’2013. Yamenyesha ko ibiharuro vyerekana ko abanyagihugu batanguye kugirira umwizero umurwi CNTB, ivyo akabivuga yisunze igitigiri c’abaguma bitura uwo murwi kiguma congerekana nko mu ntara za Bururi, Makamba, Rutana, Bujumbura, Bubanza na Cibitoke.

JPEG - 139.5 ko
Musenyeri Serapiyo Bambonanire arongoye umurwi CNTB, ari kumwe n’icegera ciwe (i buryo), hamwe n’umunyamabanga ntayegayezwa bw’uwo murwi (i bubamfu)

Kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwezi kwa Munyonyo 2013, abanyagihugu 3259 nibo bituye umurwi CNTB. Muri ico gitigiri, abashika 1446 baremeye gusubiza ku bushake bwabo, abandi 1251 basubiza ku ngingo z’umurwi CNTB. Ku bavugwa ko umurwi CNTB udashira imbere ukunywanisha, canke ugashira imbere ubwoko bumwe, Musenyeri Serapiyo Bambonaniye arongoye umurwi CNTB amenyesha ko ababivuga ari abafise izindi ntumbero, mbere biboneka ko umenga boba ari abadashaka ko ukuri kumenyekana, abanyagihugu bagasubizwa ivyo banyazwe mu ntambara zo mu myaka y’1972, 1988 (Ntega na Marangara), hamwe n’1993.

N’aho muri uwo murwi w’igihugu CNTB bashima ibikorwa bariko bararangurira abanyagihugu, intambamyi ntizibuze, aho Musenyeri Serapiyo Bambonaniye akavuga nk’abategetsi bo hejuru bashobora kwivanga mu bikorwa vya CNTB, bagaheza bakabuza ku nyungu zabo ishirwa mu ngiro z’ingingo za CNTB. Musenyeri Serapiyo Bambobaniye amenyesha ko bagiye gukomeza inyigisho ku banyagihugu, kugira bamenye ukwo bokwitura uwo murwi, abagirizwa kuba mu matongo n’ibibanza bihagiye babahimirize kumenyera gusubira ku bushake agahato batagiyemwo. Nk’uko Musenyeri Bambonaniye yabisiguye, nta mahoro ashoboka hakiriho umuntu atarasugizwa ivyo yanyazwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.