IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bo muri karatiye Asiatique barabangamiwe n’akarwi (...)

Abanyagihugu bo muri karatiye Asiatique barabangamiwe n’akarwi k’abasuma

jeudi 30 Rusama 2013

Mu makomine ya Rohero, Nyakabiga na Bwiza haravurwa uturwi tw’abasuma bategera abantu mw’ijoro, maze bakabiba ivyo bafise vyose cane cane nk’amaterefone ngendanwa, amafaranga, imigufu y’inzahabu, impeta n’ibindi bintu vy’agaciro.

Muri komine Rohero rero, cane cane muri Karatiye Asiatique havurwa akarwi k’udusoresore kaba muri iyo Karatiye maze kagategerera abantu mu mihingo itandukanye y’iyo Karatiye.

Umanukanye ibarabara rya Kabondo hafi ya SOGEAR, nta muntu aharengana n’amaguru inyuma y’isaha zitanu z’ijoro, kuko uja ubona utwo duhungu tugusimbiyeko, eka mbere n’ico kimwe n’ahitwa kuri ciné cameo kuko hoho bavuga ko umenga utwo dusore twarahigaruriye.

Abanyagihugu bavuga ako karwi k’abo basuma bo muri iyo karatiye ya Asiatique bakazi kandi bariko baritegura kugira baze bagafate kose bafashsanije n’inzego z’umutekano, baremeza ko ako karwi kamaze gusahura abatari bake muri iyo karatiye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.