IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyamitahe basaba ko umutekano wubahirizwa kugira bakorere mu (...)

Abanyamitahe basaba ko umutekano wubahirizwa kugira bakorere mu Burundi

samedi 12 Ndamukiza 2014

Ibikorwa vyo gushira ku mugaragaro ibirangurwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ugufashanya n’ayandi makungu vyasozerewe ku munsi w’ejo kuwa gatanu. Abahanahanye ivyiyumviro basavye ko Reta yokwitwararika umutekano n’intwaro ibereye kugira abanyamitahe bashobore kwizera Uburundi.

Kuva ku genekerezo rya 9 Ndamukiza 2014 gushika ku munsi w’ejo kuwa gatanu, ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bwaratunganije ibikorwa vy’ugushira ku mugaragaro ivyaranguwe ku mugaragaro ivyranguwe n’ubwo bushikiranganji. Mu birori vyo gusozera ivyo bikorwa vyamaze iminsi itatu, abaserukiye abanyamitahe basavye Reta ko yoteza imbere igisata c’ingenzi kugira abanyamitahe bamenye Uburundi.
Kugira abashaka gukorera mu Burundi bizere ko imigambi bafise izoshoboka, Reta isabwa ko yokworohereza abanyamitahe, kandi igakomeza umutekano, intwaro ibereye, n’ubutungane.

JPEG - 1.1 Mo
Laurent Kavakure, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, mu birori vyo gusozera ibikorwa vyo gushira ku mugaragaro ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye

Abanyamitahe bashikirije ko umutekano w’igihugu wokomezwa, mu gihe hamaze iminsi havugwa amakuru adahumuriza y’itangwa ry’ibirwanisho ku rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD. Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarabeshuje ivyo bivugwa, amenyesha ko ari ikinyoma, kuko Reta y’Uburundi itocanishamwo abo ijejwe, mu kubaha ibirwanisho. Mu birori vy’ugusozera ibikorwa vy’ugushira ku mugaragaro ibirangurwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ugufashanya n’ayandi makungu vyabaye ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa gatanu, Prosper Bazombanza yamenyesheje ko umutekano mu gihugu ukingiwe, kandi ko abarundi babanye mu mahoro.

JPEG - 1.1 Mo
Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Egide Nduwimana

Messages

  • uwo bise bazombanza,nuwahe?(y)amaze iki?Mwebwe nziraguhemuka,mwomumbwira nimba mubaho!

  • Uwo ababanditsi bikikinyamakuru banditse bavuga ngoni Bazombaza ninyenicubahiro Prosper Bazombanza icegera cambere cumukuru wigihugu cacu cu Burundi, arimuribamwe badashigikiye EMPIRE HIMA TUTSI,muburundi canke muyaga binini.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.