IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeporitike basabwe gushira mu ngiro ivyo biyemeje mu biganiro (...)

Abanyeporitike basabwe gushira mu ngiro ivyo biyemeje mu biganiro bahoramwo

jeudi 22 Rusama 2014

Ubuserukizi bw’ishirahamwe ry’ibihugu vya buraya mu Burundi burashima ingene abanyeporitike bagiye hamwe bagasuzuma uko urupapuro rw’inzira biyemeje ruriko rurashirwa mu ngiro, ari navyo bizofasha gushika mu matora meza mu 2015.

Abanyeporitike, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora CENI barakoraniye hamwe ku munsi wa kabiri, bakaba bamaze umunsi wose watumye bumvikana ingingo ngenderwako zizobafasha gushika ku matora yizewe na bose. Mu buserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya barakeza abo banyeporitike bashimye gushira imbere ibiganiro ku neza y’abanyagihugu, mu ntumbero yo kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015.
Muri ubwo buserukizi bahamagarira impande zose kuzoshira mu ngiro ivyo biyemeje, aho tukabibutsa ko bikuru bikuru muvyo abahuriye muri ivyo biganiro vy’umunsi wose biyemeje ari ibi bikurikira : intwaro yiyemeje gukora ibishoboka vyose mu kwubahiriza umutekano no gukingira abanyeporitike, bashobore gutunganya ibikorwa vyabo neza, gufasha abanyagihugu bose, abanyamakuru, hamwe n’abazokwitoza bose ko bishira bakizana. Imigambwe hamwe n’abanyeporitike bazotegerezwa kugira ubwigenge bwo gukora ibikorwa vyabo mu gihugu cose, mu gihe c’imyiyamamazo. Imigambwe yiyemeje guhimiriza abanywanyi bayo kwubaha amategeko, agateka k’abandi badasangiye ivyiyumviro, bubahirije intwaro rusangi hamwe no kwiyamiriza ihohotera rya kiremwa muntu yaba mu majambo canke mu nguvu.

Umurwi utegura amatora CENI wiyemeje kuzotanga amakarata y’itora ku banyagihugu bose bakwijije ivyangombwa. Reta, intwaro hamwe n’abategetsi batandukanye biyemeje kutazohungabanya amanama y’iyindi migambwe. Abajejwe intwaro bazotegerezwa kuzokwubaha ingoro hamwe n’ibimenyetso vy‘iyindi migambwe.

Imigambwe kandi yiyemeje kutazokoresha uburyo bwa Reta mu myiyamamazo canke kutazokoresha inyubakwa za Reta, nk’akarorero amashure. Inyuma y’amatora, umurwi CENI wiyemeje kwubahiriza ibizoba vyavuye mu matora, ibimenyeshamakuru navyo vyasabwe kudakoreshwa n’abanyeporitike, imbere, mu ma matora nyezina, hamwe n’inyuma y’amatora, na cane cane nko mu gukwiragiza ibihuha canke gushikiriza ivyavuye mu matora inzego zibijejwe zitarabikora.

Mu buserukizi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bibutsa ko bazobandanya gushigikira intwaro rusangi mu Burundi, hamwe n’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, ari naco gituma bamenyesha ba barajwe ishinga n’ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe APRODH. Muri ubwo buserukizi basaba Reta y’Uburundi ko yokora ibishoboka vyose, kugira uburenganzira bw’uwo aharanira agateka ka zina muntu bwubahirizwe, n’urubanza rwiwe rwubahirize amategeko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.