IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Batandatu mu banyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bahawe (...)

Batandatu mu banyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu bahawe umwidegemvyo

mercredi 8 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yatanguje dosiye y’amatohoza ku banyeshure bo ku mashure yisumbuye atatu yo mu ntara ya Muramvya, bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Batandatu muri cumi n’umwe bagirizwa ico caha bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.

Dosiye ya mbere ni RMP 16336/NPC ikurikirana abanyeshure batandatu bakiri abana (Mineurs), ariko abo batandatu bakaba kuri uwu wa kabiri bahawe umwidegemvyo w’agateganyo.

Dosiye igira kabiri ni RMP 16337/HG ikurikirana abanyeshure batanu bakwije imyaka y’ugukurikiranwa n’ubutungane (Majeurs), nabo nyene bagirizwa icaha c’ugutuka umukuru w’igihugu. Urubanza rwabo rukaba ruzoburanishwa nk’uko amategeko abitegekanya.

Abo banyeshure bagirizwa ko aribo bafutanganije isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu vy’ishure shingiro abo banyeshure bigiramwo.

Tubibutse ko n’abanyeshure 337 bo mu mwaka w’umunani kw’ishure shingiro ryo mu Ruziba, muri zone Kanyosha baheruka kwirukanwa bose bahorwa isanamu y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iri mu bitabu bakoresha, iyo sanamu abanyeshure bataramenyekana bakaba barayisibanganije, mbere banditswemwo amajambo atyoza umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo nakamaramaza kubona urwaruka rwacu rufungwa rukabuzwa kwiga nibintu bitagira umutwe namaguru none nubu ndabaza ivyobibondo mwarimwabifunze biziriki kubarekura gusa ntibihagije mutegerezwa kutubwira nico mwabahoye iyo ninda ndende yokurondera ivyomudya zamurasonza mwigumye naho uwiyita ko ari icariho kumana nagira ndamuvure urugohe ngiranti abobantu bose birirwa bakwirukanka inyuma babura kuguhanura gukora ibintu bizima ngo baragushigikiye ntakindi barondera atari utwo ubihera ngo birire ejo ahobukera bazokwihakana usigare ubarondera ahobaciye ubabure

  • Abana Murabarenganya Ntibamututse Ahubwo Niwe Yitutse,kwigira Icegera C,Imana Nasatani Ntiyovyubahuka Nakomeze Arementanye Hari Igihe.

  • Birasigubwenge kumvumwana w’muntu yiyita icegera c’IMANA pe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.