IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyororo 3000 bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu bagiye (...)

Abanyororo 3000 bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu bagiye kumenyekana

samedi 20 Nyakanga 2014

Mu bushikiranganji bw’ubutungane bavuga ko mu kiringo ca vuba bagiye gushira mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu yo kurekura abanyororo ibihumbi bitatu baheruka kugirirwa ikigongwe.

Mw’ijambo ryo kwipfuriza abarundi umunsi mukuru w’ihimbazwa ry’imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyesheje ko yafashe ingingo yo kugirira ikigongwe abanyororo bashika ibihumbi bitatu (3.000 prisonniers), mu ntumbero yo kubatezurira, n’ukugabanya ubwinshi bw’abanyororo mu mabohero. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, muri iryo jambo yavugiye mu ntara ya Ngozi buca Uburundi buhimbaza imyaka 52 bumaze buronse intahe yo kwikukira, yasiguye ko iyo ngingo y’ikigongwe itazoraba abari baragiriwe ikigongwe bagaca basubira muri vya vyaha nyene vyari vyabagiriye. Mu gihe umukuru w’igihugu yari yasavye ko iyo ngingo yoshirwa mu ngiro mu minsi 45, gushika n’ubu amezi agira akwire atanu abo banyororo batararekurwa.

Mu bushikiranganji bw’ubutungane basigura ko batebejwe n’imirwi yashizweho kugira ukurikirane abakwije ivyasabwe n’umukuru w’igihugu. Déo Ruberintwari, umuvugizi w’ubushiranganji bw’ubutungane amenyesha ko iyo ngingo y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu iraba abamaze guciribwa imanza zabaye ntabanduka, hamwe n’abanyororo barwaye ingwara zidakira. Kugira bashobore kwubahiriza ivyo vyasawe n’umukuru w’igihugu, Déo Ruberintwari, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane avuga ko baciye bashiraho imirwi ibiri, uw’abaganga berekana abanyororo barwaye ingwara zidakira akaba ariwo usigaje kwerekana icegeranyo cayo. Déo Ruberintwari yizeza ko vuba urutonde rw’abo banyororo bagiriwe ikigongwe ruzosohoka, kuko uwo murwi w’abaganga ugejeje kure ibikorwa.

JPEG - 439.6 ko
Déo Ruberintwari, umuvugizi w’ubushiranganji bw’ubutungane

Ku kibazo c’uko ubushikiranganji bw’ubutungane bwarengeje ikiringo bwari bwahawe n’umukuru w’igihugu kugira bushire mu ngiro ingingo yari yafashwe, Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu asigura ko mu biro vy’umukuru w’igihugu nabo nyene bazi ko ingingo y’umukuru w’igihugu isaba umwanya w’ugushirwa mu ngiro, ariko agasaba ko uwo murwi w’abaganga usigaje gutanga icegeranyo wonyarutsa ibikorwa, kandi ubikorane ubwitonzi, ikigongwe umukuru w’igihugu yatanze kizohabwe abakwije ibisabwa n’amategeko.

JPEG - 609.2 ko
Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.