IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Jiji Seven > Abaririmvyi b’Abarundi bambaye ikirezi batazi ko cera

Abaririmvyi b’Abarundi bambaye ikirezi batazi ko cera

lundi 19 Rusama 2014

Jiji Seven aherutse mu nyigisho neza cane i Adisa Abeba yahahuriye n’abaririmvyi benshi bavuye muri Africa. Ikibanza c’umuririmvyi w’umurundi mu makungu yasanze ari ciza ko hasigayeko abaririmvyi ubwabo bamenya ico kibanza na reta ikabafasha.

Jiji seven atubwirako igihe yari i Addis Abbeba mu nyigisho yahahuriye n’abaririmvyi bavuye mu mihingo itandukanye yo muri Afrika. Benshi yasanze bamuzi kubera indirimbo ziwe, abandi bamenyaniye aho muri Etiyopiya. Ikintu ca mbere avugako yahakuye, n’urukundo rw’igihugu ciwe rwiyongereye, ati:"ndi mu bandi baririmvyi bakambaza igihugu naserukiye bakumva n’Uburundi, baratangara cane, kuko hari abibazako mu Burundi atabantu bashoboye bariyo, ariko ndabavugirije zimwe mu ndirimbo zanje bose barumirwa".

Uwo muririmvyi avugako ikibanza c’umuririmvyi w’umurundi ari kinini mu makungu, igisigaye n’uko abaririmvyi bonyene ubwa mbere bovyiyumvamwo kugira bavyumvishe n’abandi. Ica kabiri Jiji avuga n’uko na reta yoterera mu gufasha abaririmvyi kuko abenshi mu baririmvyi bahuriye muri izo nyigisho baba barungitswe n’ibihugu vyabo, ariko mu Burundi abaririmvyi barasohoka mu makungu batwaye ibendera y’igihugu ntibimenyekane. Avuga ko ariko arondera uburyo kugira yigishe abaririmvyi bo mu Burundi inyigisho yakuye muri Etiyopiya ku cirwa bagize"umuririmvyi nk’umwubatsi w’amahoro"

Ivyo yabituyagiye igihe twamusanga muri "Studio" Afro Music ariko akora ururirimbo na Nikiza Bonfils aba mu gihugu ca Israel. Mwomenya kandi ko Jiji ariko yitegurira kugira ubugeni muri Mukakaro uno mwaka.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.