IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi baba mu Bwongereza mu myiyerekano nabo

Abarundi baba mu Bwongereza mu myiyerekano nabo

dimanche 6 Ndamukiza 2014

Abarundi baba mu gihugu c’Ubwongereza baragize imyiyerekano kuri uyu wa gatandatu mu gisgara ca Londres. Aho ni inyuma y’imyiyerekano y’abarundi baba muri Canada, mu Bubirigi, muri Swede hamwe no muri Reta Zunzubumwe z’Amerika.

Abarundi baba mu gihugu c’Ubwongereza bahuriye ku murwa mukuru Londres. Rikaba ari irya mbere abarundi baba muri ico gihugu bagira imyiyerekano. Nkuko bavyivugira, naho baba hanze y’igihugu cabo c’amavukiro (Uburundi), ingorane z’Uburundi zirabaraje ishinga kandi zirababaza. Icatumye bagira iyo myiyerekano naco akaba ari ukwifatanya n’abarundi mu mubabaro barimwo, nkuko babandanya bavyivugira.

Umwe mubari muri iyo myiyerekano avugako bagomvye kwerekana ko mu Burundi hariho ingorane, kandi zikwiye gutorerwa inyishu. Ico biyamiriza muri iyo myiyerekano yabaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2014 ngo akaba ari ubutegetsi bw’Uburundi bupfunga abagira imyiyerekano, ntibushake ko uwutavuga rimwe nabwo aserura ivyiyumviro.

Iyo myiyerekano y’abarundi baba mu Bwongereza yabereye mu gisagara ca Londres. Abo barundi bakaba bayigiriye imbere y’inyubakwa z’inama nshingamateka ndetse n’imbere y’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza. Kuri uyo wa gatandatu nyene, intumwa zitanu z’abari muri iyo myiyerekano zikaba zarahawe umuhango wo kubonana na David Camron, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.

Mwokwibuka ko iyo myiyerekano ibaye inyuma y’iyindi yakozwe muri Canada, mu Bubirigi, muri Reta Zunzubumwe z’Amerika hamwe no mu gihugu ca Swede.

Photos: Mudibu Inzatsa , London United Kingdom


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Ivyo bavyita guhimba ntacoyimena.mbe kuri buyoya ko batari bwabigire mwivyo bihugu ntabarundi babayo?mbe ndababaze!mwe ntimuzi ko tutigeze dutinya AMA BOMBE N,AMASASU yanyu?none muribaza ko twotinda tugatinya induru yanyu?Mbe none ndabibarize muriza ko mumwaka cumi iheze abahutu twibagiye ivyo mwadukoreye?ahubwo mwibagira ningonga nukuri.ariko icombona mwohanurana kuko ni mwabandanya murukarisha tuzorubamwesha

  • Ms kadada :nimba wuva ushavuye kubera abantu bagize imyiyerekano kubera mutabonakumwe ibiba mugihugu.hanyuma ukaca uvuga ko mufise inguvu zo kubana? Reka ndagusabe baza wirabe wewe wenyene inguvu ugise wenye ubona wohana bagahe?mbega ko utavuga uti jewe KAdada umuhutu ? Kuberiki uvuga ngo twebwe abahutu? .TwArabahinyuye nimba uhaze abahutu bose ntibahaze bagowe ayAbandi barundi bose bagowe

  • None nkawe uvuziki?abantuntibavugukuri?kowumva ufita urwembe kandirukarishe utinyiki?ahubwoharigihewosanga ruhereye kuriwwe none wwetubwire icowatumariye muriyomyak10 uvuze ataragafuni kabeneburundi kadasiba guhamba amashuri yakaminuza ntimwugaye kuri Buyoya waribwabibone?

  • Kadada ,abahutu ntitwagutumye kutuvugira nyamba utabona ingorane dufise!!Faka ikibazo uko kiri ariko ntubishiremwo amoko kuko mu Burundi ikibazo dufise sicamoko n’icintwarombi.None wewe ubona vyifashe neza aha mu Burundi?Ama bombe n’amasasu ntiwatewe wenyene kumbure arya maraso twarituzi ko azoba iciru c’abasigaye ntitwarituziko tuzosubira inyuma imyaka ijana!Mbe ubona hari icahindutse ko abantu kandi abahutu nyene birirwa barapfa?

  • erega kandanda ico utazi nuko kuri buyoya abonyene nibo bahekuye uburundi .. ntawavuye nduta mutabira narukore ari mubwongereza washikanwayo nande igihe Imana itugiriye ubuntu tukava aho muri TZ aho twari tubohewe twakwiragiye mubihugu ... ntamuntu numwe y yabaye Lukore mutabira na muyovozi wosanga yabuze kuza kurondera umugati w’umwana ngo aza kwiyamiriza amahoro uwavuyeyo abana buburundi bariko bumvira imiganogano mumutima agasubirayo ubu yogenda kwiyerekana kuko amahoro yabonetse? kurikira urabe aho iyomwiyerekano yabereye hose .... hariyo bagiyeyo bagiye kwiga abandi bahunze amahoro ngo ntibosangira intwaro nababiciye imidyango.. nicobikwereka aboboze ubateranije booose ntibokwira 1% cabantu baba hanze kuko aho tuviriye hadya mumashamba ya TZ IOM yatuzanye turi beshi kugeza ubu USA honyene hari ibihumbi miringo .... nine Wasington DC hari bangahe? babandi nyene ......? ico bashaka nugutera amazirantoke NKURUNZIZA nkuko babigize ibugendana kuri NTIBANTUNGANYA uburundi bwuyumunsi si ubwacagiye ntimukorako gira amahoro.

  • Kadada twra utamena ayo macakubiri yawe y’inda ndende!!Abari hanze dufise badata nabamama IBurundi,so ntiturota turya ngo bimanuke amakungu atihanikije Amatiku y%butegetsi buhari

  • Wao ivyo vyerekana ko n’Abarundi babuzwa kugra imyiyerekano kand babifitiy uburenganzira .

  • Ivyobavyiza kugira ivyomushaka binyaruke nugutonda mumyigaragamvyo yaburimusi nayobitabayivyo nimwitsimbatarire murivyobihugu mwiryohererwe imyakayose, ariko icotwobasaba nimugabanye kuzaburagirinama zibi abanye politique bacu barino mu Burundi, uburero mubonye abomwakagiriye inama yivyobakora bimazekubakwegera ingorane nonemuhisemwo namwe kwiyanikira mwibarabara ngomuriko muraharanira twebwe abaringaha Burundi? Dukomeza kugendatubona abababarinyuma ya Alexis Sinduhije na Nditije nezaneza, mutigute? Burundi ingorane zamyeho canke ibitagendaneza nkukobamwemwavyivugiye ngo nibwobwambere habaye imyigaragamvyo yabarundi babahanze, mubonye ivyomwabwiye Sinduhije gukora bidaciyemwo mubona ubwigaze bwabusokoza budaciyemwo muciyemujamwibarabara ngo barabubahutse! Ndasubiriye mumuba mwabishobora mwogiye mwibarabara ijoronumutaga imisiyose ndibazavyobakarusho kuruta, iconzinuko ivyononekaye mugihugu imyaka mirongonamironga reta ihari ntishobora kubikosora mumyaka 10 gusa ndizeye kwifisevyishi ikomezakwiga kugira ibikosore namwerero nkukondababona muri 15 komeza mwikosore.

  • Uwo yiyita kadada,nibaz ko avuga ivyati ntanuwobiguhora kuko ivyuvuga vyerekana umwetwe muto ufita.uriraba wewenyene utungnye ubuzim bwawe nayo ihonyabwoko canke ngo uburundi buzoronka amahoro mwishe abaatutsi...nzobabazwa nabavyeyi bawe abatama nabatamakazi batazoshobora guhungira TZ canke Zaire,niwicaree aho urye uryame bayina kuhaze uravuga ayushaka,nuko atacuri kandi ntanahuri iyo dd yawe uzosang ariyo ikumazeko abawe ngo barinivyo barimwo barabigisha

  • Abatutsi muzopfa murushe. Ariko mwibazako ivyo binyoma vyanyu bizogeza ryari. Ni mwemereko ibintu bihinduka mu buzima. Apartheid yaragiye, AMA empires arahera . U have to live the reality . Abahutu baramaze kwibagira ivyo mwabakoreye none raba muri mukubakora mu nkovu

  • Uwo nyamba ari kadda,nomubwira nti mwaratevye kugira iryohonyabwoko ryanyu canke nyamba rimyihoro kuko iyo dd nabanywanyi bayo bose bazinduka bakosorwa,ndabaravye baranterikigongwe kuko simbona kobuca baducrukana.

  • BA NKURU NA BA NWARI INJEGERA GUSA.NGO ABAHUTU BARAGOWE MUJE KUBUTEGETSI MUBATABARE KO MUHONA,NGO KURI BUYOYA NTA YEGEREYEGERE YARI MURI KAMINUZA HARIYO ABAHUTU BANGAHE B’UMUTIMA KO HAJAYO ABO YIBAZAKO ATACO BAZOVAMWO.AHUBWO ABO BIYEREKANA HANZE IYO BAZA BARIKIRIZA BIMENA HASI CANKE BAKIKEBA N,INZEMBE NIHO BOKWUMVIGWA NINGOGA.MALAWI,ZAMBIA,MOZAMBIQUE,ZIMBABWE,BOTSWANA,SWASILAND,SOUTH AFRICA N,AHANDI HESHI KOTUTIYEREKANA NDETSE TURI BESHI GUSUMBA BARIYA.MWEBWE HAMWE NABO MUMEZE NKAGWARUNYONDWI GWUMIYE KURUSHATO INKA YARIWE KERA.

  • Bantu mwanditse mukongera mugasoma kururu rubuga igihe,ndabasabe munfashe kuraba neza kuko nsinzi kwarijewe ntakanura neza,kuva kwifoto 1 gushika kuyanyuma jew mbona ari ubwoko bumwe gusa,n,ABATUTSI gusa.nta m,UMUTWA ntam,UMUHUTU numwe arimwo,barundi mwese naho hari bamwebamwe muvuga ngo ntakubwoko karimwo,canke ngo amoko ntakibanza agifise ngaha muburundi barabesha,nukugomba guhuma amaso abarundi na ma kungu,mubirabe neza nubushishozi bwinshi,kandi mube maso.igiti ntigisubire kudukora mujisho,kuko ubuho coca kirimena.KADADA nawewe MAMA ndabakunda,kandi ndabakurikirana caaaane ivyiyunviro vyanyu nibizima,ariko tube maso ikibazo cubwoko kiri mubituma izinvururu mubona,jw ndibazo kuki abatutsi aribo babikazemwo caane,abahutu bitwa ko barimwo nabo ninkimperekeza,bagwanya intwaro irongowe nabahutu!?,kuki kuntwaro zari zirongowe nabatutsi batarukura mukanwa?,BAHUTU mwese mube maso.abatutsi baracafise kakageso ko kunenana,(kugayana)mugabo rero nibukebuke bizobavamwo vyanka vyakunda.baracafise kakageso kukwama bitanganiza imbere,ntibashaka kurongogwa nuwo badasangiye ubwoko,naho yoba amusunya yo mashure baguma bihaya,ko bize bonyene,kaguma kariyo.bakaguma baryoza abarongozi ngo batwagwa nibijuju.BATUTSI benewacu raba muhindure iyongendo mbi,iragayitse.

  • Abo ba kadada nabandi nabakozi ba cndd fdd kuko ivyiyunviro vyabo nivyowo mugambwe ariko sibose nakarwi gato kagifumye munda nayo aba cndd fdd bagowe nkuko abandi barundi bagowe aho akokarwi kaboneye ko ivyako bigirabirangire kariko gakwiza invugo nkizo zaba kadada inzankano zubwoko kugira kinyeze inyuma yivyubwoko bitagira ahobifatiye ndamubaze uwo kadada nabagenzi we ahatwovuga ko abahutu bamerewe neza , wirengagije ibiziga vyatawe muzuzi natanganyika hamwe nomutuzu twasugumwe harimwo abatutsi banga abahutu batagira ayobacira nayo bamira bangani iki mbega uyumurwi wafashe ibirwanisho urwanya leta uyobowe na nzabampema suwabahut????mpimba uwoyijamwo yosanga irimwo abatutsi?beshi bariyo sabahutu?imyiyereka yabareye muri Belgium wabonyemwo abatutsi bangahe?ntibari abahutu nkabose kandi beshi muribo bahunze iyontwaro yumukazo bamuvuga ivyomuzi mureke gukoreshwa

  • basha mwoca bugufi abatwagwa mukemera mugatwagwa!!

  • hadya abatusti barakundana ntawundi atumye bahaguruka atari sinduhije .

  • Abo booose ni abatutsi batabona umuhutu bagomba kumera nkabanyarwanda.umuhutu ntaho muzomushira .igihe mwahekura uburundi mukagandagura Ndadaye mwarigaragambije ko mwaciye mufata inkoho mukica abahutu!!!humura ivyari imagera vyaragerutse

  • Ariko vraiment hariho abantu batabona. Mbe umuhutu, umututsi canke umutwa c’est quoi? Ntabara mumbarire ingene umuntu abona ko uri umuhutu, umututsi canke umutwa? Barundi mwe iptuu muzoguma muri inyuma, aho abazungu baraje barabashiramwo ibintu namwe murajako muremera. Niyo ngorane ihari mu Burundi, ubu bwoko tutabuvuyemwo uburundi bwacu ntibuzova aho buri. Uburundi ahantu bugeze ni habi, ubwo birabaryohera kwicara abantu bariko barapfa? Ntimugatuke abantu bariko baragira imyiyerekano bashaka gufasha igihugu cacu. It’s time to open our eyes and see that all we need is you and me. If we come together we can make history, so let’s stand up, stretch out our hands and help our country.

  • birababaje kwumva bavuga ko uburundi buri muri demokarasi ariko umwenegihugu yasohora iciyumviro bakamuhemba uburoko barundi mukunda igihugu mwibuke ko iyabantu bicaye bakaganira bashika kuri vyishi naho tutabaye maso nihahandi bamwe bazotuntura kukubura aho basorera ivyiyumviro bakanduruka bikora kuburyo bwanyuma(gutemana)naho abashira ubwoko imbere nibateswe bate igihe c’ubwoko cararangiye nyabuna nitwicare dusenyere ktmugozi umwe dutez’imbere uburundi aho kubuta mukaga.

  • uWIYISHE NTASONI IVYO AVUGA NURUHINJA NTIRWABIVUGA .MBE IYO RETA KO YAMAZE ABANTU BOSE AMOKO YOSE IRABICA BIGACIKA AHUBWO ABAHUTU NABO NIBAHAGURUKE TWIFATANYE NABANDI TWIYAMIRIJE IYO RETA

  • Ndemeza neza hari ubwoko mu Burundi ariko si mpamya ko higeze kubaho ingorane yubwoko mu Burundi kuko umu Tutsi wese atava i Bururi yarahonyanzwe. Je mvamu muryango Tutsi, dada wacu yinjiyemugisoda ca mbere bamurungika kwiga mu bubirigi, bamenye ko ari umuganwa baciye bamufuta batamutahante mugihugu acika maibobo mu Bubirigi. Igihugu nticatwawe nabi naba Tutsi canke ntigitwawe nabi nabahutu ariko catwawe kandi gitwawe nakagwi kadafise intumbero yo gutwarira Bose. Ico saba abarundi bose nuko twova ibuzimu tujeibuntu, burikitu tucite uko citwa tutarinze kubaza uwagikoze, ubwicanyi tubwite ubwicanyi ubusuma tubwite ubusuma

  • @ Claude ndakwikundiye kuko uvuze neza!Bimeze uko i Burundi naje nabibona uko nyene!Umbaye kure nagusoma ,hoboneka imvugakuri nkawe uburundi yoba paradis!

  • Mbe wumva ngo bagiz’imyiyerekano gute?Belgique hab’abarundi barenga sept mille (7000les)abayitavye yari famille Amis Nyango ntibarenga quinze harimw’umushonji Cimpaye akab’ejo yaje mumisa ya NTARYAMIRA kuri béquilles, emwe nararaaaavye ngene basara mbabazwa n’imvugo yabigishije yarahonve basi kuko ntamuntu boca batubesherangw’abarundi twese turikumwe na barya bakehabwenge batarenga dix.Usab’Imana ufyuy’amasoIkayasukamw’ibkvu

  • @ Bukuru ASMANI, ijwi rimwe ryarabujije Inama Nshingamateka/Nkuru guhindura ibwirizwa nshingiro! Watch!

  • Yaaa CLAUDE wewe uvuze ko uri Umututsi uca uvuga sowanyu ko yari umuganwa .none wuvA ufise ubwoko ubuhe .ko abaganwa basaba ko ubwoko bwabo bwokwemeregwa mutari abHutu ncanke abatutsi ,ncank abatwa byose mwaravyase :none gasha ivyo wanditse ushaka kugabura intarA cokimwe nka ba DD urarabaneza uwosowanyu kwatangiye mwijipo urazi ko muzikunda munyuma akabeshera abatutsi

  • king,mama,kandada,etc mwebwe ntimususubire kutukishA ubwoko bwabahutu kuko ntimuri abahutu ,eka wanashaka ntimuri nabatutsi ncanke abatwa ,gerGeza murondere ubwoko bwanyu muzoba mukoze ncaneeeee

  • BATUTSI BENEWACU NDABABWIRE. POLITIKE Y’’AMACAKUBIRI MURAZI KO ATAHO YATUGEJEJE. NIMUZE TUREKE GUSHIRA IMBERE AMACAKUBIRI Y’AMAKO TWUBAKE UBURUNDI TURIKUMWE. MBEGA KO TWITWA KO TWAGITWAYE IMYAKA 40 MUBONA IKINTU GIHAMBAYE TWASHITSEKO ARI IKIHE? BAGAZA YARI YAGERAGEJE ARIKO ABANDI KWABAYE UGUSHIRA IMBERE UGUHONYA ABANDI GUSA .
    AMAZURU NTIYUBAKA

  • Mbega abo bampema yvzuye,bibaza ngo iyo myiyerekano ngo harico izohindura?nibasare birababereye!erega kuuvake bamye basaka ubutetsi barinze kwica.ubu rero barabona ko cidakundaaa!!kandi bemera bareka <iraboroga amaruhiro bakayikona.mc

  • Igihe, Muze muvug’ukuri kwamye like: Abatutsi baba mubwongereza bakoz’imyiyerekana. Kuvuga ngw’abarundi baba ahantu runaka biyerekanye kandi byagizwe nakarwi katoya kabatutsi nugushir’abantu murujijo sibyo nagato.

  • UKO MUTYOZA ABAHUTU NIKO BAZOGUMA BABONA KO MUTARASHIRA INKOTA HASI YO KUBAMARA.

    IVYO BITUMA BAKANGUKA BABONE KO MUBANKA .

    HAGEZE GUTORA BACA BATORERO ABO BIYUNVAMWO KUKO BABONA KO MUSUBIYE KUBATWARA MWOCA MUSUBIRA KUBICA NKA 1962, 1965,1972, 1988.....

    NIMUREKE RERO KUDUTERANYA N’ABAHUTU KUKO TWEBWE DUSHAKA KO ABAHUTU BAZOBA MUBAZODUTORA.
    IBUKA AMAJWI UPRONA YARONSE , MWIBAZA KO BATOWE N’ABATUTSI GUSA? MUGABO MUBANDANIJE MUVYURA UBWICANYI BIZOTUMA HABA URUKUTA HAGATI Y’ABAHUTU N’ABATUTSI .

    ABESHI MURI MWEMBWE TURAZINANYE MUVA BURURI GUSA. NONE MWIBAZA KO ABATUTSI ARI ABAVA BURURI GUSA? TWEBWE TUVA MUZINDI NTARA TUZOCA TWITWA ABAKI?

    AMACAKUBIRI , IVYIYUNVIRO VYO GUHONYA ABANDI, NIMUBIREKE.

  • Abo bo mubwongereza baba bifitiye ibibazo niyo mpamvu bajya mumuhanda. Tekereza nawe abantu usanga barara mukazu ka metre carré 4!!! Transport mubwongereza iragoye kandi , kwiga birahenze,....niyo mpamvu bajya mumuhandakuko abenshi bahoze bamaze abantu iburundi kuko bari mu ba sans ecéchecs. Njye mbona izo ntagondwa zagombye kwiyahura!!!

  • Abarundi batabizi mubimenye! Igihe.com yo murwanda hamwe n’i burundi uzitegeka ni umwe kuko amahera akoresha aturuka muri presidence i Rwanda kwa Kagame!!! Kandi muzi mwese ukuntu kagame yamaze abahutu i Rwanda harimo n’abarundi babaga mumutara!!! Ibi binyibutsa umusore twiganaga witwaga Sindayihebura Samuel wishwe n’abasoda ba Kagame ari kumwe nase Kabura bahoze batuye Rukomo-Muvumba!!! Ntakindi , bazize ko ari abahutu!!! Namwe rero ntampuhwe ikinyamakuru igihe na Perezida Kagome babafitiye usibye guserereza abahutu b’iBurundi!!

  • Muturanyi wacu MUTABAZI,jewe ndi umuhutu nokunyo,kandi ndavyiyunvamwo ko ndiwe,kiretse abatutsi batanezereregwa ko ndiwe ,mushingantahe ndaguhumurije kandi ndakwijeje ko ngaha iwacu muburundi abahutu turimaso kandi turipanze ntamuntu yitwa umututsi azosubira kutwica nka karya kagene ngo tumwihanganire,humura nukuri pe.kandi natwe ntamututsi twifuza kwihora,canke ngo duhohotere kuko abenshi muribo nabone ninzirakarengane,barasutwe.muga tubasaba kwitonda conyene tukibanira mumahoro.

  • IYOMIHIMBIRI Y’IMBURAKIMAZI
    MWIBAZA KO GUTYOZANYA KO HARI ICO BIZOBAMARIRA?
    UBWOKO BWANYU MUSHAKA KUBUSUMBISHA UBWABANDI?
    ABO MWISHE BAZOBAHUMIRA
    AYO NI AMARASO Y’ABAHUTU MWISHE ARIKO ARABASARISHA.
    MURASUBIRA MWICE ABANDI NDABE,
    ABA SANS ECHEC BARI BAKAVYUYE BASANGA NTIRUCITAHA NONE BAGIYE KURANGIRIZA UBUZIMABWABO KUMUSAGA.

    KWICA ABAHUTU NTIMURABIHEBA?

  • Je mbona uyu muntu wiyita Mutabazi ateye amakenga!!!
    Muraraba neza ivyo yandika bishobara kugira ingaruka mbi no kugarura inzika
    mu bantu kandi atarico gihe!!!

  • Ariko uyumuntuyitwa Mutabazi numunyabwenge! kuko harihumuntu nubwo atoshoborakukwicya ariko agashobora kukwica urubozo mutigute? Nkitelefone kuvabusokoza akuwemumabanga zakomeje aruruhanahane mubihugu vya Buraya, America,Canada, Suede, Autralia, nahandi babwiranagusa ikintukimwe cokugira berekane ngo ntahovyabaye ahumuhutu ashobora gutwara igihugu ngwagende atihaye inkumbi ngongirango mwaraye muvyiyumviye ko na Leonce yavyanditse murwandi yarungikiye ONU mwarabibonye kovyakuririkiwe nabantu basanabiganjemwo ubwoko bumwe canecanemu bwongereza,Washington Amerika, Quebec, Suede harabatanguye amacakubiri gusumbabo. Arikojewe iconemera abatutsi baringahamu Burundi iyaba ataramatelefoneyabarihanze yamoshamabi yokubabwirango: muremeye mutegekwe nabahutu koko!? abatutsi barigaha Burundi baribariyemeje gusangira nubundibwoko ivyiza vyigihugu, iyindingorane hariho umugambi wa Empre Hima uratubangamiye cane mumicungararo uburundi buherereyemwo Umututsi awase bacabamwita ngo yaritutsuye muburundi bacabamwitango yarinjiye mumugambwe CNDD FDD .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.