IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi babaye aba mbere mw’ihiganwa rya Judo

Abarundi babaye aba mbere mw’ihiganwa rya Judo

samedi 30 Ntwarante 2013

Ku higanwa rigira iry’indwi rya Judo ryahuza ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko ryabereye muri Zanzibar mu ndwi twaraye turangije, Uburundi bwatwaye ibibanza vyiza cane: ikibanza ca mbere mu bakobwa, n’ica gatatu mu bahungu

Iryo higanwa ryamaze imisi ibiri rikaba ryahuje abahiganwa barenga ijana bavuye mu bihugu bitanu bigize akarere ka Africa y’ubuseruko.

JPEG - 35.8 ko

Abarundi batahanye imidari 24, ku ruhande rw’abagabo n’ikibanza ca gatatu inyuma y Tanzaniya na Zanzibar. Igihugu ca Kenya catahukanye ikibanza ca kane n’imidari indwi, Urwanda akaba arirwo rwatahukanye ikibanza ca nyuma muri iryo higanwa kandi nta mudari rwatahukanye.

Ku ruhande rw’abakobwa, kw’isonga hari Uburundi mu kibanza ca mbere n’imidari 16 harimwo itatu y’inzahabu, bakurikirwa n’igihugu ca Kenya, Zanzibar, Tanzaniya n’Urwanda mu kibanza ca nyuma kandi.

Abakina Judo mu Burundi bavyifatamwo neza cane. Mu mwaka uheze, Uburundi bwaragiye ubwa mbere mu mateka yabwo mw’ihiganwa mpuzamakungu bita jeux olympiques i Londres mu gihugu c’Ubwongereza buserukiwe n’umwigeme Odette Ntahomvukiye w’ibiro 78


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.