IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi bose bahamagariwe kuguma muhira kuri uwu wa kane

Abakozi bose bahamagariwe kuguma muhira kuri uwu wa kane

mercredi 4 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amashirahamwe mpuzamasendika COSYBU na CSB asaba abanyagihugu ko boguma muhira iwabo, ntihagire numwe atonda ku mirimo kuri uwu wa kane, kiretse aho bumvikanye ko hoba ibikorwa bibayabaye (Service minimum), cane cane mu bitaro, aho akaba ari mu ntumbero yo kugaragaraza akababaro bafise.

JPEG - 1.7 Mo
Abaserukiye ABUCO, COSYBU, CSB, OLUCOME,,,

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, amashirahamwe mpuzamasendika COSYBU na CSB (Centrale Syndicale du Burundi) afadikanije n’amasendika yigenga n’amashirahamwe yose ahurikiye muri rwa runani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye, ahamagariye abakozi bose n’abanyagihugu bose kwitaba akamo batewe, bagahagarika akazi ku munsi wa kane igenekerezo rya 5 Rusama w’2015. Basaba abanyagihugu bose kuguma muhira iwabo ntihagire n’umwe atonda ku mirimo, kiretse aho bumvikanye ko hokorwa ibikorwa bibayabaye bimwe bita "Service minimum", cane cane mu bitaro. Muri ayo mashirahamwe bamenyesha ko Reta nitashira mu ngiro ivyo basavye, bazoca bamenyesha izindi ngingo ngenderwako zizofatwa inyuma yo kuri uno wa kane.

Muri ico kiganiro bamenyesha ko batanse kwitaba akamo batewe n’umukuru w’igihugu abicishije ku muvugizi wiwe Léonidas Hatungimana, aho yabasaba kubangira kuri iryo hagarikwa ry’akazi, bakavuga ahubwo ko ata nyishu n’imwe iri muvyo uwo muvugizi yashikirije ku maradiyo. Muri ayo mashirahamwe bati : "Si kurya bigenda iyo umuntu akwandikiye nawe umuha inyishu ubicishije mu rwandiko", ayo mashirahamwe akavuga ko yari yarungikiye amakopi abashikiranganji n’izindi nzego zose zirabwa na kirya kibazo ariko akaba ata nyishu n’imwe bashoboye kuronka, nk’uko bishikirizwa na Célestin Nsavyimana, icegera c’uwurongoye urunani mpuzamasendika COSYBU.

Ku bw’ayo mashirahamwe, Reta yari kuba yatanguje ibiganiro bakicarana, bakavugana, nk’uko bibandanya bivugwa na Nyawakira Gilbert arongoye urunani CSB (Centrale Syndicale du Burundi). Ayo mashirahamwe ashikiriza ko biboneka ko ata gushaka na guto Reta ifise, kwo gukemura ico kibazo.

Ku ruhande rw’urunani rw’amasendika naho asanzwe akorera mu gisata co gutwara abantu n’ibintu, hamwe n’abakora ubundi buzi (Fédération Nationale du Transport, du Social et de l’Informel ), batera akamo abagendesha imiduga, amakinga, amapikipiki, bose kwitaba ako kamo aho bukera ku munsi w’ejo, kuko barabwa cane nabo nyene n’ikibazo c’igitoro n’agaterefone kadugijwe itagisi. N’abakozi bo mu nzu basabwa kwitaba ako kamo, mbere bagasabwa ko borara basumye kubera ko amasoko nayo nyene atazoba yuguruye, nk’uko umushingwamanza David Dusabe, arongoye urwo runani abishikiriza.

Tubibutse ko ibibazo bitumye baja muri iyo yegereyegere, basaba Reta ko yofuta ingingo ishira itagisi y’amafaranga 42 ku munota wose uko umuntu aterefonye, kumanura igiciro c’igitoro ku mafaranga 1700 kw’iritiro baravye ingene ibiciro vyakorotse ku masoko mpuzamakungu. Muri ayo mashirahamwe bakavuga ko bahagaze cane kuri ivyo bibazo bibiri kuko ari nkoramutima cane ku buzima bw’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • emwe ivyo bintu ni byo turabishigikiye unomusi ntamurimo numwe dukora baraduhohoteye.ubu kugur ama unite ntaco bitumarir uguze ugahamagar mukanya abaheze.<: ibitor vyarakorotse.bazi kuvuga ko vyaduze ariko bikorotse ntibabivuga:>

  • Mbega uwo mukuru wigipolisi yoba yariko arandika imparati zimiduga itatonze kukazi yisunze iki ico ko kitari ikibazo c’umutekano? ivyo biragaragara ko uwo muntu ata impartialite imuranga kuko abajejwe umutekano bibujijwe ko bivanga muvya politike.

  • KO TUBA MU GIHUGU KIGENGWA N AMATEGEKO VYUNGUKIRA TWESE..NONE KO NABO BADUHOTORA EJO BAZOHOTORWA!!!NONE UBUZIMA BUZIMVYE KUKO ABATEGETSI BASHAKA KURYA VYOOSE BIBAZA KOTUTAMENYA KO ARIBO BABIKORA ???EREHA TWARIZE KABO GUSA TWESE NTIDUTWARA..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.